Abaheburayo
5 Kuko umuherezi mukuru wese akuwe mu bantu agenwa ku bw’abantu ku bintu vyerekeye Imana+, kugira ashikane amashikanwa n’ibimazi ku bw’ibicumuro+. 2 Arashoboye kugirira ibiri ku rugero abantu ata co bazi be n’abahuba kuko na we nyene akikujwe n’ubugoyagoye bwiwe bwite+, 3 kandi kubera bwo, abwirizwa gushikana amashikanwa ku bw’ibicumuro, ku bwiwe no ku bw’abantu+.
4 Vyongeye, umuntu ntaronka iryo teka ari we aryihaye+, ahubwo gusa arironka arihamagariwe n’Imana+, nk’uko vyabaye no kuri Aroni+. 5 Na Kristu rero ntiyininahaje+ mu gucika umuherezi mukuru+, ahubwo yaninahajwe+ n’umwe yavuga ku bijanye na we ngo: “Uri umwana wanje; jewe uno musi ncitse so+.” 6 Nk’uko avuga kandi ahandi hantu ngo: “Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki+.”
7 Mu misi y’umubiri wiwe Kristu yashikaniye ugutakamba n’ugusaba+ Umwe yari ashoboye kumukiza urupfu, hariko n’amaborogo akomeye+ be n’amosozi, kandi yarumviwe ku bw’ugutinya Imana kwiwe+. 8 Naho yari Umwana wiwe, yarize kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye+; 9 kandi aho amariye kugirwa uwutagira akanenge+, yacitse uwujejwe ubukiriro budahera+ ku bamugamburukira bose+, 10 kuko yiswe n’Imana bimwe bitomoye umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki+.
11 Ku bimwerekeye turafise vyinshi vyo kuvuga kandi bigoye isigura, kuko mwacitse abakomantaye mu kuntu mwumva+. 12 Kukaba nkako, naho mwabwirizwa kuba muri abigisha+ turavye igihe kihaciye, mwongeye gukenera uwubigisha guhera ku ntango ibintu vy’intango+ vy’amajambo meranda y’Imana+; kandi mwacitse abakeneye amata, si ibifungurwa bigumye+. 13 Kuko umuntu wese afungura amata aba atazi ijambo ry’ubugororotsi, kuko aba ari uruyoya+. 14 Mugabo ibifungurwa bigumye ni ivy’abantu bahumuye, abo ububasha bwabo bwo gutegera+ bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi+, biciye ku gukoreshwa.