Ezekiyeli
25 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 2 “Mwana w’umuntu, erekeza mu maso hawe kuri bene Amoni, uvuge ubuhanuzi bubagiriza+. 3 Kandi uvuge ku bijanye na bene Amoni uti: ‘Nimwumve ijambo ry’Umukama Segaba Yehova. Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ko wavuze ngo Ahaa! ku bijanye n’aheranda hanje kuko hahumanijwe, no ku bijanye n’ubutaka bwa Isirayeli kuko bwasizwe ari umusaka, no ku bijanye n’inzu ya Yuda kuko bagiye mu bunyagano+, 4 ngira rero ndagutange ku Banyabuseruko ube ikintu co kwigabira+, kandi bazoshinga muri wewe amakambi yabo azitijwe impome, bashire koko muri wewe amataberenakulo yabo. Ni bo bazorya ivyamwa vyawe, kandi ni bo bazonywa amata yawe+. 5 Kandi i Raba+ nzohagira itongo ry’uburagiriro ry’ingamiya, bene Amoni na bo ndabagire aho umukuku uruhukira+; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.”’”
6 “Kuko ibi ari vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ko wakubise amashi ku yandi+, ukadida ibirenge, ukaguma unezerwa n’akagaye kose mu mutima wawe, uhema ubutaka bwa Isirayeli+, 7 ehe rero ndaje; nakuramvuriyeko ukuboko kwanje+, kandi nzogutanga ku mahanga ube ikintu co gusahura; nzokurandura mu bindi bisata vy’abantu, ndaguhonye mu bindi bihugu+. Nzokuzimanganya+, kandi uzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.’
8 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ko Mowabu+ na Seyiri+ bavuze ngo: “Raba! Inzu ya Yuda ni nk’ayandi mahanga yose+,” 9 ngira rero nugurure umumanuko wa Mowabu ku bisagara, ku bisagara vyaho gushika ku mupaka waho, ikirezi c’ico gihugu, Beti-yeshimoti+, Bayali-meyoni+, gushika n’i Kiriyatayimu+, 10 ndahugururire Abanyabuseruko+, hampande ya bene Amoni+, kandi nzohagira ikintu co kwigabira, kugira ngo ntihaze hibukwe+, ni ukuvuga bene Amoni, mu mahanga. 11 Nzoshitsa imanza i Mowabu+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’
12 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ko Edomu yahagurutse ikihora inzu ya Yuda, bakaguma bimonogoza mu gukora ikibi kandi bakaba barabihoye+, 13 ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nanje nzoramvurira ukuboko kwanje kuri Edomu+, ndaharandure icitwa umuntu n’igitungwa+, ndahagire ikibanza catikijwe kuva i Temani+ gushika n’i Dedani+. Bazogwishwa n’inkota. 14 ‘Nzokwihora Edomu biciye ku kuboko kw’igisata canje Isirayeli+; bazokorera muri Edomu ibihuye n’ishavu ryanje be n’ubushangashirwe bwanje; kandi bazobwirizwa kumenya ukwihora kwanje ico ari co+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”’
15 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ko Abafilisitiya bakoze ivyo kwihora+, bakaguma bihorana ukwihora kw’akagaye ko mu mutima, kugira ngo batere agatikizo+, bivuye ku nyankane y’igihe kitagira urugero+, 16 ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ngira ndamvurire ukuboko kwanje ku Bafilisitiya+, kandi nzorandura Abakereti+, mponye igice gisigaye c’inkengera y’ikiyaga+. 17 Nzoshitsa muri bo ibikorwa bikomeye vy’ukwihora+, n’ibikangiro vyuzuye ubushangashirwe; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova ninabihōra+.”’”