Zaburi
Ururirimbo, agahibongozo ka bene Kora. Ku muyobozi, kuri Mahalati ku bwo kwitabira. Masikili ya Hemani+ Umwezerahi.
4 Naharūwe mu bamanuka mu cobo+;
Nacitse nk’umuntu w’umugabo atagira inkomezi+,
5 Yagizwe uwidegemvya mu bapfuye+,
Nk’abishwe baryamye mu mva+,
Abo utongeye kwibuka
Kandi batandukanijwe n’ukuboko kwawe gutabazi+.
7 Ubushangashirwe bwawe bwitaye kuri jewe+,
Kandi wanteje amarushwa ukoresheje imipfunda isuriranya yawe yose+. Sela.
8 Washize abo tuzinanyi kure yanje+;
Wangize ikintu giteye ishishi cane kuri bo+.
Ndaboshwe, sinshobora gusohoka+.
9 Ijisho ryanje ryarotse kubera amarushwa yanje+.
Narakwambaje, ewe Yehova, burinda bwira+;
Ni wewe nagaranzuriye ibiganza vyanje+.
10 Mbega uzokorera igitangaza abapfuye+?
Canke, mbega barya ata co bashoboye mu rupfu bazohaguruka+?
Mbega bazoguhaya+? Sela.
11 Mbega ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buzomenyekanishwa mu mva,
Ubwizigirwa bwawe bumenyekanishwe mu kibanza c’agatikizo+?