Zaburi
Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi.
2 Nzogeza ryari gushira ukunana muri jewe,
N’intuntu mu mutima wanje ku murango?
Umwansi wanje azoduzwa hejuru yanje kugeza ryari+?
3 Nunyitegereze; nyishura, ewe Yehova Mana yanje!
4 Umwansi wanje ntavuge ngo: “Ndamutsinze!”
Abarwanizi banje ntibanezerezwe n’uko ntewe kudandabagirana+.