2 Abami
9 Nuko Elisha umuhanuzi ahamagara umwe mu bahungu+ b’abahanuzi hanyuma amubwira ati: “Kenyera mu kiyunguyungu+ uheze utore aka gakarabo+ k’amavuta mu kuboko kwawe maze uje i Ramoti-gileyadi+. 2 Niwashikayo, uharondere Yehu+ mwene Yehoshafati, Yehoshafati mwene Nimushi; winjire maze umuhagurutse hagati ya bene wabo hanyuma umujane mu cumba c’ahitereye+. 3 Uheze ufate nya gakarabo k’amavuta, uyasuke ku mutwe wiwe+ maze uvuge uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ndakurobanuje amavuta* koko+ ngo ube umwami+ wa Isirayeli.”’ Hanyuma wugurure umuryango maze uhunge, nturindire.”
4 Nuko uwo musuku, umusuku wa nya muhanuzi, afata inzira aja i Ramoti-gileyadi. 5 Ashitseyo, asanga abakuru b’inteko za gisirikare bicaye. Avuga rero ati: “Ndagufitiye ijambo+, ewe mukuru!” Yehu aca avuga ati: “Uwuhe muri twebwe twese?” Na we ati: “Wewe, ewe mukuru.” 6 Arahaguruka rero maze yinjira mu nzu; atangura gusuka nya mavuta ku mutwe wiwe hanyuma amubwira ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Ndakurobanuje amavuta koko ngo ube umwami+ w’abantu ba Yehova+, ni ukuvuga wa Isirayeli. 7 Uze usasike inzu ya Ahabu umukama wawe, kandi nzohora+ koko mu kuboko kwa Yezebeli amaraso y’abasavyi banje abahanuzi n’amaraso y’abasavyi ba Yehova bose+. 8 Inzu ya Ahabu yose itegerezwa kuyogera; kandi nzorandura koko kwa Ahabu+ umuntu w’igitsina-gabo wese*+ n’uwutagira gitabara wese kandi atagira ico amaze+ muri Isirayeli. 9 Inzu ya Ahabu nzoyigira koko nk’inzu ya Yerobowamu+ mwene Nebati nongere ndayigire nk’inzu ya Bayasha+ mwene Ahiya. 10 Kandi Yezebeli, imbwa zizomurira+ mu gice c’itongo c’i Yezireyeli, kandi nta wuzomuhamba.’” Aca yugurura umuryango, arahunga+.
11 Nuko Yehu arasohoka, aja kuri ba basuku b’umukama wiwe, maze bamubwira bati: “Ni amahoro+? Kubera iki uwo musazi+ yaje kuri wewe?” Mugabo ababwira ati: “Mwebwe ubwanyu murazi neza uwo mugabo n’ivyo avuga ivyo ari vyo.” 12 Na bo bavuga bati: “Si vyo! Turakwinginze utubwire.” Maze avuga ati: “Yambwiye uku n’uku, ati: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ndakurobanuje amavuta koko ngo ube umwami wa Isirayeli+.”’” 13 Baca batora ningoga umwe wese impuzu yiwe+, bazishira munsi yiwe, ku ngazi zigaragara, maze batangura kuvuza inzamba+ bati: “Yehu abaye umwami+!” 14 Maze Yehu+ mwene Yehoshafati, Yehoshafati mwene Nimushi+ atangura kugīra umugambi mubi+ Yehoramu.
Kandi Yehoramu yari acungereye i Ramoti-gileyadi+, we na Isirayeli yose, kubera Hazayeli+ umwami wa Siriya. 15 Mu nyuma, Yehoramu+ umwami yari yagarutse kuvurirwa i Yezireyeli+ ibikomere Abasiriya bari bamuteje igihe yarwanya Hazayeli umwami wa Siriya+.
Nuko Yehu avuga ati: “Nimba muvyemeye+, ntihagire uwuhunga avuye mu gisagara ngo aje kubivuga i Yezireyeli.” 16 Hanyuma Yehu yurira umukogote, aja i Yezireyeli; kuko Yehoramu yari aryamyeyo, kandi Ahaziya+ umwami wa Yuda yari yamanutse kuraba Yehoramu. 17 Inderetsi+ yari ihagaze ku munara+ i Yezireyeli+, maze ibona ikigwi kigigimba c’abagabo ba Yehu igihe yariko araza, ica ivuga iti: “Ndabona ikigwi c’abagabo kigigimba.” Yehoramu aca avuga ati: “Tora uwurwanira kw’ifarasi umurungike guhura na bo, aheze avuge ati: ‘Ni amahoro+?’” 18 Nuko uwugendera kw’ifarasi aja guhura na we, hanyuma avuga ati: “Umwami avuze ati: ‘Ni amahoro?’” Mugabo Yehu avuga ati: “‘Amahoro’ uyaronderako iki+? Hindukira uje inyuma yanje!”
Nuko nya nderetsi+ imenyesha iti: “Ya ntumwa yagiye gushika kuri bo, mugabo ntigarutse.” 19 Arungika rero uwugendera kw’ifarasi agira kabiri, maze uno abashikiriye avuga ati: “Umwami avuze ati: ‘Ni amahoro?’” Mugabo Yehu avuga ati: “‘Amahoro’ uyaronderako iki+? Hindukira uje inyuma yanje!”
20 Nuko nya nderetsi imenyesha iti: “Ya ntumwa yagiye gushika kuri bo, mugabo ntigarutse; kandi ukuntu uwo muntu atwara umukogote ni nk’ukuntu Yehu+ umwuzukuru wa Nimushi+ awutwara, kuko awutwarana ubusazi+.” 21 Yehoramu aca avuga ati: “Ambika umukogote ku mafarasi+!” Nuko umukogote w’intambara wiwe wambikwa ku mafarasi maze Yehoramu umwami wa Isirayeli na Ahaziya+ umwami wa Yuda barasohoka, umwe wese ari mu mukogote w’intambara wiwe. Bakiriko barasohoka ngo bahure na Yehu, bamusanga mu gice c’itongo ca Naboti+ Umuyezireyeli.
22 Yehoramu akimara kubona Yehu, aca avuga ati: “Ni amahoro ga Yehu?” Na we ati: “Hoba amahoro nyabaki+ kandi hakiriho ubusambanyi bwa Yezebeli+ nyoko n’ubupfumu bwiwe bwinshi+?” 23 Yehoramu aca ahindukiza umukogote n’amaboko yiwe, kugira ngo ahunge, maze abwira Ahaziya ati: “Ni amayeri+, Ahaziya!” 24 Maze Yehu afora umuheto*+ hanyuma arasa Yehoramu hagati y’amaboko, ku buryo umwampi usohokana mu mutima wiwe, hanyuma agwa mu mukogote w’intambara wiwe+. 25 Yehu abwira rero Bidikari igisongerezi ciwe+ ati: “Muterure umuterere mu gice c’itongo ca Naboti Umuyezireyeli+; kuko niwibuke: Jewe nawe twatwara imikogote y’amafarasi abirabiri inyuma ya Ahabu se wiwe, kandi Yehova ni we yamenyesheje iri jambo+ kuri we ati: 26 ‘“Ejo narabonye koko amaraso+ ya Naboti n’amaraso y’abahungu biwe+,” ni ko Yehova avuze, “kandi wewe nzobikwishurira koko+ muri iki gice c’itongo,” ni ko Yehova avuze.’ Ubu rero, numuterure umuterere muri ico gice c’itongo, nk’uko ijambo rya Yehova riri+.”
27 Nuko Ahaziya+ umwami wa Yuda ubwiwe arabibona maze ahunga aciye mu nzira yari iruhande y’umurima munini*+. (Mu nyuma Yehu atangura kumukurikira hanyuma avuga ati: “Na we nyene, nimumurase!” Nuko baramurasa mu gihe yari mu mukogote aduga i Guri, ahari iruhande ya Ibuleyamu+. Abandanya guhunga yerekeje i Megido+ araheza apfirayo+. 28 Maze abasuku biwe bamujana i Yeruzalemu mu mukogote, hanyuma bamuhamba mu mva yiwe hamwe na ba sekuruza, mu Gisagara ca Dawidi+. 29 Ahaziya+ yari yabaye umwami wa Yuda mu mwaka ugira cumi na rimwe wa Yehoramu+ mwene Ahabu.)
30 Amaherezo Yehu ashika i Yezireyeli+, maze Yezebeli+ aravyumva. Yisiga+ rero irangi ryirabura ku maso yongera atunganya neza umutwe wiwe+ araheza araba hasi acishije mw’idirisha+. 31 Nuko Yehu yinjirana mw’irembo. Yezebeli avuga rero ati: “Mbega vyagendeye neza Zimuri+ uwishe umukama wiwe?” 32 Yehu aca araramura amaso yerekeza kuri nya dirisha maze avuga ati: “Ni nde ari kumwe nanje? Ni nde+?” Abakozi bo ku kirimba+ babiri canke batatu baca baraba hasi iyo ari. 33 Avuga rero ati: “Nimumukorore+!” Maze baramukorora, hanyuma makeyi mu maraso yiwe atarukira ku ruhome no ku mafarasi; nuko Yehu aramuhonyanga+. 34 Hanyuma arinjira, ararya yongera aranywa, maze avuga ati: “Ndabinginze mwitwararike ico kivume+, mugihambe, kuko ari umukobwa w’umwami+.” 35 Bagiye kumuhamba, ntihagira ico basanga kuri we atari agahanga n’ibirenge n’ibiganza vy’amaboko+. 36 Bagarutse bakabimwiganira, avuga rero ati: “Ni ijambo rya Yehova, iryo yavuze biciye+ ku musavyi wiwe Eliya Umutishibe, ati: ‘Imbwa zizorira inyama za Yezebeli mu gice c’itongo ry’i Yezireyeli+. 37 Kandi umuvyimba wa Yezebeli uzoba nk’intabire+ mu murima mu gice c’itongo ry’i Yezireyeli, kugira ntibavuge ngo: “Uyu ni Yezebeli+.”’”