Zaburi
Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi.
2 Umurango umwe inyuma y’uwundi uratuma imvugo idudubiza+,
Kandi ijoro rimwe inyuma y’irindi rirerekana ubumenyi+.
4 Ikamba yavyo yo gupimisha yagiye mw’isi yose+,
Amajambo yavyo na yo yashitse ku mpera y’ubutaka bwimbuka+.
Muri yo ni ho yashingiye izuba ihema+,
5 Kandi rimeze nk’umukwe igihe asohoka ava mu cumba ciwe c’ubugeni+;
Rihimbarwa nka kurya umunyenkomezi ahimbarwa no kwiruka mu nzira+.
6 Ku mpera imwe y’amajuru ni ho risohokana,
Kandi iherezo ry’urugendo rwaryo riri ku zindi mpera zayo+;
Nta na kimwe gihishijwe ngo ntigishikirwe n’ubushuhe bwaryo+.
7 Itegeko+ rya Yehova ntirigira akanenge+, rihembura umuntu+.
Icibutsa+ ca Yehova ni ico kwizigirwa+, gituma umuntu atazi utuntu n’utundi aba inkerebutsi+.
9 Ugutinya+ Yehova kuratyoroye, kwamaho ibihe bidahera.
Ingingo z’ubutungane+ za Yehova ni iz’ukuri+; zabonetse ko zigororotse zose+.
10 Ni izo kwipfuzwa kuruta inzahabu, egome, kuruta inzahabu nyinshi zityoroye+;
Kandi zisosa kuruta ubuki+ be na bwa buki butemba bwo mu bimamara+.