Ni izaburi ya Dawidi.
35 Niwifatire mu minwe urubanza rwanje, ewe Yehova, urwo mburana n’abandwanya+;
Nurwanye abandwanya+.
2 Fata inkinzo ntoyi be n’iyagutse+,
Uhaguruke umfashe+,
3 Usokore icumu n’ishoka irimwo zibiri uhure n’abankurikirana+.
Bwira umutima wanje uti: “Ni jewe bukiriro bwawe+.”
4 Nibamaramare, bateterwe, abahiga ubuzima bwanje+.
Nibasubizwe inyuma, barye ivyatsi, abaja umugambi wo kunteza ivyago+.
5 Nibacike nk’umuguruka imbere y’umuyaga+,
Kandi umumarayika wa Yehova abahinde+.
6 Inzira yabo nicike umwiza n’ahantu hanyerera+,
Kandi umumarayika wa Yehova abakurikirane.
7 Kuko banyegeje icobo gishasheko urusenga ngo ndakigwemwo, ata gituma+;
Bacimbiye ubuzima bwanje ata gituma+.
8 Agatikizo nikamuzeko atabizi+,
Urusenga rwiwe yanyegeje rumucakire+;
Narurwemwo, atikire+.
9 Mugabo umutima wanje nunezerwe muri Yehova+;
Niwigine mu bukiriro bwiwe+.
10 Amagufa yanje yose navuge+ ati:
“Ewe Yehova, ni nde ameze nkawe+,
Arokora umurushwa akamukiza uwumurusha inkomezi+,
Umuntu w’umurushwa kandi w’umworo akamukiza uwumwambura+?”
11 Ivyabona vy’inkazi birahaguruka+;
Bimbaza ivyo ntazi+.
12 Bampemba ibibi ku vyiza+,
Bagatera intuntu umutima wanje+.
13 Nayo jewe, igihe bari barwaye, icambarwa canje ryari igunira+;
Nibabarisha ukwisonzesha+,
Isengesho ryanje rikagaruka ku gikiriza canje+.
14 Nk’aho yoba ari umugenzi, nk’aho yoba ari mwene wacu+,
Nagendagenda nk’uwugandariye nyina+.
Narajondama, nishwe n’umubabaro.
15 Mugabo igihe naba ncumbagiye baranezerwa, bagakoranira hamwe+;
Barakoranira hamwe ngo bandwanye+,
Bakankubita hasi ntabizi+;
Barantabagura ntibacereze+.
16 Mu batwenzi b’abahuni bironderera ico birira+,
Hari ukumpekenyera amenyo+.
17 Ewe Yehova, uzoguma ubibona kugeza ryari+?
Garukana ubuzima bwanje ubukize ukuyogeza kwabo+,
Ubwo mfise bwonyene+ ubukize intambwe z’imikangara z’imigāra.
18 Nzoguhaya mw’ishengero rinini+;
Mu bantu benshi nzogushemeza+.
19 Ese ababaye abansi banje ata mvo batonyigambako+;
Nayo abanyankira ubusa, ntibavune urugohe+.
20 Kuko amahoro atari yo bavuga+;
Mugabo ku bwo kugirira nabi abitekaniye bo kw’isi,
Baguma bategura ivy’ubuhendanyi+.
21 Batāburura akanwa kabo ngo bandotse+.
Bavuze ngo: “Ahaa! Ahaa! Ijisho ryacu ryabibonye+.”
22 Wabibonye, Yehova we+! Ntugume wicerereje+.
Ewe Yehova, ntugume kure yanje+.
23 Vyuka, wikangurire urubanza rwanje+,
Ewe Mana yanje, wewe Yehova, wikangurire imburano zanje+.
24 Ncira urubanza nk’uko ubugororotsi bwawe buri, ewe Yehova Mana yanje+,
Ntibanyigambeko+.
25 Ese batovuga mu mutima wabo ngo: “Ahaa! Ico twagomba ni ico+!”
Ntibavuge ngo: “Turamumize+.”
26 Nibamaramare barye ivyatsi bose hamwe+,
Abo banezererwa ivyago vyanje+.
Nibambikwe ibimaramare+ n’agateterwe, abo banyiryako+.
27 Nibihe akamo k’umunezero, banezerwe, barya bahimbarwa n’ubugororotsi bwanje+,
Bame bavuga+ bati:
“Yehova nashimagizwe, we ahimbarwa n’amahoro y’umusavyi wiwe+.”
28 Kandi ururimi rwanje niruvuge ubugororotsi bwawe n’ijwi ritoyi+,
Rugushemeze burinde bwira+.