Yosuwa
11 Yabini umwami wa Hazori akimara kuvyumva, atuma kuri Yobabu umwami wa Madoni+ no ku mwami wa Shimuroni no ku mwami wa Akishafu+, 2 no ku bami bari mu buraruko mu karere k’imisozi no mu biyaya vy’ubugaragwa mu bumanuko bwa Kinereti+ no muri Shefela+ no ku runani rw’imisozi rwa Dori+ mu burengero, 3 atuma no ku Banyakanani+ mu buseruko no mu burengero, no ku Bamori+ no ku Baheti+ no ku Baperizi+ no ku Bayebusi+ mu karere k’imisozi, no ku Bahiwi+ ku mucamo wa Herumoni+ mu gihugu ca Mizipa+. 4 Nuko barasohoka, bo hamwe n’amakambi yabo yose, abantu mu bwinshi bangana n’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga+, n’amafarasi+ be n’imikogote y’intambara vyinshi cane. 5 Maze abo bami bose bakoranira hamwe kw’isango, baraza hanyuma bakambika hamwe, ku mazi y’i Meromu, kugira ngo barwanye Isirayeli+.
6 Yehova aca abwira Yosuwa ati: “Ntubatinye+, kuko ejo nk’aya mango bose nzobagabura kuri Isirayeli, ukabagandagura. Amafarasi yabo muzoyaca ibitsi+, imikogote yabo na yo muyituririre mu muriro+.” 7 Nuko Yosuwa n’abarwanyi bose bari kumwe na we babazako giturumbuka iruhande y’amazi ya Meromu, barabatera. 8 Maze Yehova abatanga mu kuboko kwa Isirayeli+, bano barabakubita hanyuma barabakurikira gushika i Sidoni+, ahaba abantu benshi, n’i Misirefoti-mayimu+ no mu kiyaya c’umubande ca Mizipe+ mu buseruko; babandanya kubakubita gushika n’aho batabasigariza n’umwe+. 9 Inyuma y’ivyo Yosuwa abagirira nk’uko nyene Yehova yari yamubwiye: aca ibitsi amafarasi yabo+, imikogote yabo na yo ayituririra mu muriro+.
10 Vyongeye, Yosuwa arahindukira ico gihe+ maze afata Hazori+; umwami waho amwicisha inkota+, kuko imbere y’aho, Hazori cari co gisagara gikuru muri ubwo bwami bwose. 11 Bakubitisha ubugi bw’inkota ibifise ubuzima vyose vyariyo, barabitikiza+. Ntihasigara ikintu gihumeka na kimwe+, kandi aturirira Hazori mu muriro. 12 Yosuwa afata ibisagara vyose vy’abo bami n’abami bavyo bose maze abikubitisha ubugi bw’inkota+. Arabitikiza+, nk’uko nyene Musa umusavyi wa Yehova yari yarategetse+. 13 Ibisagara vyose vyari vyubatswe ku bidunduri ni vyo gusa Isirayeli itaturiye, uretse ko Yosuwa yaturiye koko Hazori yonyene. 14 Bene Isirayeli bisahurira isahu ryose ry’ivyo bisagara n’ibikoko vy’ibitungano+. Abantu bose ni bo gusa bakubitishije ubugi bw’inkota gushika babazimanganije+. Ntibasigaza uwuhumeka n’umwe+. 15 Uko Yehova yari yarategetse Musa umusavyi wiwe, ni ko Musa yategetse Yosuwa+, kandi ni ko Yosuwa yakoze. Ntiyakuyeko ijambo na rimwe mu vyo Yehova yari yarategetse Musa vyose+.
16 Yosuwa afata ico gihugu cose, akarere k’imisozi na Negebu+ yose n’igihugu ca Gosheni+ cose na Shefela+ na Araba+ n’akarere k’imisozi ka Isirayeli na Shefela yako+, 17 guhera ku musozi Halaki+, uwuduga werekeza i Seyiri+, gushika i Bayali-gadi+ mu kiyaya c’umubande ca Libani ku mucamo w’umusozi Herumoni+, yongera afata abami baho bose abatsinda hasi, arabica+. 18 Yosuwa yamaze imisi myinshi arwana intambara n’abo bami bose. 19 Nta gisagara cagiriraniye amahoro na bene Isirayeli kiretse Abahiwi+ baba i Gibeyoni+. Ibindi vyose babifashe biciye ku ntambara+. 20 Kuko uku ari ko Yehova yakora: yarareka imitima yabo igakomantara+ kugira bamenyeshe ko bagiye kurwana na Isirayeli, kugira ngo abatikize, ntibagirirwe ubutoni+, ahubwo abazimanganye, nk’uko nyene Yehova yari yarategetse Musa+.
21 Vyongeye, ico gihe nyene Yosuwa aragenda, arandura Abanakimu+ mu karere k’imisozi, i Heburoni, i Debiri, i Anabu+, no mu karere k’imisozi ka Yuda kose no mu karere k’imisozi ka Isirayeli kose+. Yosuwa ahatikizanya n’ibisagara vyaho+. 22 Nta Banakimu basigaye mu gihugu ca bene Isirayeli. Basigaye+ gusa i Gaza+, i Gati+ n’i Ashidodi+. 23 Gutyo Yosuwa afata igihugu cose, nk’uko ivyo Yehova yari yarasezeraniye Musa vyose vyari+, maze Yosuwa agiha Isirayeli bwa ntoranwa akurikije imituri yabo, yisunze imiryango yabo+. Nuko igihugu nticahungabanywa n’intambara+.