118 Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+;
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.
2 Isirayeli navuge ubu ati:
“Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.”
3 Ab’inzu ya Aroni nibavuge ubu+ bati:
“Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.”
4 Abatinya Yehova nibavuge ubu+ bati:
“Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.”
5 Nambaje Ya ndi mu marushwa+;
Ya yarishuye, anshira ahantu hagutse+.
6 Yehova ari ku ruhande rwanje; sinzotinya+.
Umuntu yakuwe mw’ivu yongira iki+?
7 Yehova ari ku ruhande rwanje hagati y’abamfasha+,
Ku buryo jewe nzokwitegereza abanyanka+.
8 Ni vyiza guhungira muri Yehova+
Kuruta kwizigira umuntu yakuwe mw’ivu+.
9 Ni vyiza guhungira muri Yehova+
Kuruta kwizigira abanyacubahiro+.
10 Amahanga yose yarankikuje+.
Mw’izina rya Yehova ni ho nabagumiza kure+.
11 Barankikuje, egome, bari bankikuje+.
Mw’izina rya Yehova ni ho nabagumiza kure.
12 Bankikuje nk’inzuki+;
Bazimijwe nk’umuriro w’ibisaka vy’amahwa+.
Mw’izina rya Yehova ni ho nabagumiza kure+.
13 Waransunuye ngo ntembe+,
Mugabo Yehova ubwiwe yarantabaye+.
14 Ya ni ubwugamo bwanje n’ubushobozi bwanje+,
Kandi ambera ubukiriro+.
15 Ijwi ry’akamo k’umunezero n’ubukiriro+
Riri mu mahema+ y’abagororotsi+.
Ukuryo kwa Yehova kurerekana inkomezi+.
16 Ukuryo kwa Yehova kurishira hejuru+;
Ukuryo kwa Yehova kurerekana inkomezi+.
17 Sinzopfa, ahubwo nzobandanya kubaho+,
Ngo menyeshe ibikorwa vya Ya+.
18 Ya yarankosoye bimwe bikaze+,
Mugabo ntiyangabuye ku rupfu+.
19 Nimunyugururire amarembo y’ubugororotsi+.
Nzoyinjiramwo; nzohaya Ya+.
20 Iri ni ryo rembo rya Yehova+.
Abagororotsi ni bo bazoryinjiramwo+.
21 Nzoguhaya, kuko wanyishuye+
Ukaba ubukiriro bwanje+.
22 Ibuye abubatsi bataye+
Ni ryo ribaye umutwe w’imfuruka+.
23 Ivyo vyavuye kuri Yehova ubwiwe+;
Ni agatangaza mu maso yacu+.
24 Uyu ni umusi Yehova yashizeho+;
Tuzonezerwa duhimbarwe kuri wo+.
25 Aaa! None rero Yehova, enda nukize+!
Aaa! None rero Yehova, enda nutange ukuroranirwa+!
26 Hahezagirwe uwuje mw’izina rya Yehova+;
Twarabahezagiye turi mu nzu ya Yehova+.
27 Yehova ni we Nyenubumana+,
Kandi araduha umuco+.
Nimugire urugendo rw’umusi mukuru+ mufise amashami+,
Gushika ku mahembe y’igicaniro+.
28 Uri Imana yanje, kandi nzoguhaya+;
Uri Imana yanje, nzogushira hejuru+.
29 Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+;
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.