Habakuki
1 Ijambo Habakuki umuhanuzi yeretswe: 2 Yehova we, nzogeza ryari gutabaza ntiwumve+? Nzogeza ryari kugutakira ku bw’ubukazi, ntubudukize+? 3 Kubera iki unyereka ibintu bibabaza, ukaguma witegereza ivyago? Kubera iki ukunyaga n’ubukazi biri imbere yanje? Kubera iki hari ugutongana, kandi kubera iki hari ugushihana+?
4 Ni co gituma itegeko ritituka, n’ubutungane ntibwigere bushitswa+. Kubera ko umubisha akikuje umugororotsi, ni co gituma ubutungane bugorekwa+.
5 “Nimurabe mu mahanga, mwitegereze, murabane mwumiwe+. Nimwumirwe; kuko mu misi yanyu hagira hakorwe igikorwa mutazokwemera naho mwoba muciganiwe+. 6 Kuko ehe ngira mpagurutse Abakaludaya+, ihanga ry’inkazi kandi ry’irihurudutsi rija mu bibanza vyagutse vy’isi kugira ngo ryigarurire ingo zitari izaryo+. 7 Ni ihanga ry’agacavutu kandi riteye ubwoba. Ubutungane bwaryo n’iteka ryaryo biva kuri ryo+. 8 Amafarasi yaryo anyaruka kurusha ingwe, kandi arakaze kurusha amabingira yo ku mugoroba+. Amafarasi yaryo y’imbangutsi yadidaguye ibinono hasi, kandi amafarasi yaryo y’imbangutsi ava kure. Aguruka nk’inkona yihutira kurya ikintu+. 9 Ryose uko ringana rizanwa n’ubukazi+. Ugukoranira hamwe kwabo ni nk’umuyaga wo mu buseruko+; ryegeranya imbohe nk’umusenyi. 10 Ricokōra abami, rigatwengera mw’ijigo abategetsi bakurubakuru+. Mbere ritwenga ikibanza cose gikingijwe ibihome+, rikarunda ibivu rikagifata. 11 Mu vy’ukuri, ico gihe rizotera rija imbere nk’umuyaga, rirengane, maze ryagirwe n’icaha koko+. Ubwo bubasha bwaryo ribukesha imana yaryo+.”
12 Ewe Yehova, mbega ntiwamyeho kuva kera+? Ewe Mana yanje, Mweranda wanje, wewe ntupfa+. Ewe Yehova, warishizeho ku bwo gushitsa urubanza; ewe Gitandara+, warishizeho ku bwo gukangira+.
13 Ufise amaso atyoroye rwose ku buryo utoraba ikibi; ntushobora kwitegereza ivyago+. Kubera iki witegereza ibihemu+, ukaguma winumiye igihe umubisha amira uwumurusha ubugororotsi+? 14 Kubera iki umuntu yakuwe mw’ivu umugira nk’amafi yo mu kiyaga, nk’ibikwega inda hasi bitagira uwubiganza+? 15 Abo bose yabadugishije igera+; abakwega bari mu rusenga rwiwe rw’umukwabu, akabakoraniriza mu rusenga rwiwe rwo kuroba+. Ni co gituma anezerwa akongera agahimbarwa+. 16 Ni co gituma ashikanira ikimazi urusenga rwiwe rw’umukwabu, agafumbishiriza umwotsi w’ibimazi urusenga rwiwe rwo kuroba; kuko ari vyo bituma umugabane wiwe uba uwurunze amavuta akwiye, ibifungurwa vyiwe na vyo bikaba nzanamagara+. 17 None coba ari co gituma azokwama acuranura urusenga rwiwe rw’umukwabu, akama yica amahanga ata mpuhwe+?