Gucura intimba
א [Alefu]
1 Ewe kuntu yicaye ari inyakamwe+, umwe yari igisagara kigwiriyemwo abantu+!
Ewe kuntu yabaye nk’umupfakazi+, umwe yahoramwo abanyagihugu benshi ugereranije n’ayandi mahanga+!
Ewe kuntu uwari umuganwakazi mu ntara z’ubutware asigaye ari uwo gukora ibikorwa vy’agahato+!
ב [Beti]
2 Ararira cane mw’ijoro+, kandi amosozi yiwe ari ku matama yiwe+.
Ntagira uwumuhoza mu bakunzi biwe bose+.
Abagenzi biwe bose baramuhemukiye+. Basigaye ari abansi kuri we+.
ג [Gimelu]
3 Yuda yagiye mu bunyagano kubera amarushwa+ no kubera ubushumba bukomeye+.
Yabwirijwe kuba mu mahanga+. Nta hantu ho kuruhukira yaronse.
Abahora bamuhama bose bamuhambirije mu marushwa+.
ד [Daleti]
4 Inzira za Siyoni ziragandaye, kuko ata n’umwe aza ku musi mukuru+.
Amarembo yiwe yose bayagize umusaka+; abaherezi biwe baraniha+.
Abigeme biwe b’isugi bishwe n’intuntu, na we ubwiwe afise umururazi+.
ה [Heʼ]
5 Abarwanizi biwe basigaye bari hejuru yiwe+. Abasanzwe ari abansi biwe nta co banezwe+.
Kuko Yehova ubwiwe yamuteje intuntu kubera ubwinshi bw’ibigabitanyo vyiwe+,
Abana biwe bagiye ari imbohe imbere y’umurwanizi+.
ו [Vau]
6 Ubwiza bw’umukobwa wa Siyoni bwose buramuvuyeko+.
Abaganwa biwe babaye nk’amafumbēri yabuze ubwatsi bwo kurisha+;
Baguma bagenda batagira inguvu imbere y’uwubakurikirana+.
ז [Zayini]
7 Yeruzalemu, mu misi y’amarushwa yiwe n’iy’abantu biwe batagira aho baba, yibutse
Ibintu bihimbaye vyiwe vyose vyariho kuva mu misi ya kera+.
Igihe abantu biwe bagwa mu kuboko kw’umurwanizi, na we akabura uwumutabara+,
Abarwanizi baramubonye. Baratwenze ugusenyuka kwiwe+.
ח [Heti]
8 Yeruzalemu yakoze igicumuro ceruye+. Ni co gituma yabaye ikintu co kuzinukwa+.
Abahora bamutera iteka bose basigaye bamukengera+, kuko babonye ubwambure bwiwe+.
We ubwiwe araniha+, agahindukiza umugongo.
ט [Teti]
9 Ubuhumane bwiwe buri mu mpuzu* ziwe+. Ntiyibutse kazoza kiwe+,
Kandi amanuka mu buryo bw’akajoreza. Ntagira uwumuhoza+.
י [Yodi]
10 Umurwanizi yaramvuriye ukuboko ibintu bihimbaye vyiwe vyose+.
Kuko yabonye amahanga yinjiye aheranda hiwe+,
Ayo wategetse ko adakwiye kwinjira mw’ishengero ryawe.
כ [Kafu]
11 Abantu biwe bose baraniha; barondera umukate+.
Batanze ibintu vyabo bihimbaye kugira baronke utwo kurya, ngo bahembure umutima+.
Ewe Yehova, raba, witegereze, kuko nsigaye ndi nk’umugore ata co amaze+.
ל [Lamedi]
12 Mbe nta co bibabwiye mwebwe mwese abariko barahita ku nzira? Nimwitegereze, murabe+.
Mbega hari umubabaro uriho umeze nk’umubabaro wanje natejwe+,
Uwo Yehova yaduteresheje intuntu ku musi w’ishavu ryiwe rirurumba+?
מ [Memu]
13 Yarungitse ari hejuru umuriro mu magufa yanje+, kandi anesha rimwerimwe ryose.
Yateze ibirenge vyanje urusenga+. Yansubije inyuma.
Yampinduye umugore yagizwe umusaka. Umusi wose nirirwa ndwaye+.
נ [Nuni]
14 Yagumye arikanuye kugira ngo abone ibigabitanyo vyanje+. Mu kuboko kwiwe birasobekerana.
Vyaduze kw’izosi ryanje+. Inkomezi zanje zatsitaye.
Yehova yantanze mu kuboko kw’abo ntashobora guhagurukira ngo ndabarwanye+.
ס [Sameki]
15 Abanyenkomezi banje bose Yehova yabashibuye abakuye hagati muri jewe+.
Yampamagariye ikoraniro, kugira risavye imisore yanje+.
Yehova yaganishije ibirenge mu ruganiro rw’umuvinyu+ rw’umukobwa w’isugi wa Yuda+.
ע [ʽAyini]
16 Jewe umugore, ivyo bintu ni vyo biriko bindiza+. Ijisho ryanje, ijisho ryanje ririko ritemba amazi+.
Kuko umuhoza yabaye kure yanje, uwohembura umutima wanje.
פ [Peʼ]
17 Siyoni yashanje amaboko+. Ntagira uwumuhoza+.
Ku bijanye na Yakobo, Yehova yategetse abamukikije bose ngo babe abarwanizi biwe+.
Yeruzalemu isigaye ari ikintu co kuzinukwa hagati muri bo+.
צ [Tsade]
18 Yehova aragororotse+, kuko nagararije akanwa kiwe+.
Nimwumvirize rero, yemwe bisata vy’abantu mwese, murabe umubabaro wanje.
Abigeme banje b’isugi n’imisore yanje bajanywe kugirwa imbohe+.
ק [Kofu]
19 Nahamagaye abahora bankunda rwinshi+. Barampenze.
Abaherezi banje n’abatama banje bacikaniye+ mu gisagara,
Mu gihe bariko barondera utwo kurya kugira ngo bahembure umutima+.
ר [Reshi]
20 Ewe Yehova, raba, kuko ngeze habi. Amara yanje ariko aradobangana+.
Umutima wanje wacurangukiye muri jewe+, kuko nagararije koko+.
ש [Shini]
21 Abantu bumvise ingene jewe umugore niha+. Nta wumpoza ariho+.
Abansi banje bose barumvise ivyago vyanje+. Bariginye, kuko ari wewe wabigize+.
ת [Tau]