Yobu
9 Yobu arishura ati:
2 “Ni ukuri ndazi ko ari ko biri.
Ariko umuntu buntu ashobora gute kuba mu kuri mu rubanza aburana n’Imana+?
4 Ni inkerebutsi mu mutima ikaba n’inyenkomezi mu bubasha+.
Ni nde yogira akagagazo kuri yo akagenda adakomeretse+?
7 Ibwira izuba ngo ntirirase,
Inyenyeri ikazikikuza ikidodo kirumya+;
8 Iramvura amajuru iri yonyene+
Igatambukira ku mipfunda y’ikiyaga igereza hejuru+;
9 Ikora akarundo k’inyenyeri ka Ashi, aka Kesili,
N’aka Kima+ be n’ivyumba vy’Ubumanuko;
10 Ikora ibikomeye bidaserangurika+,
N’ibintu vy’agatangaza bitagira igitigiri+.
14 Hari akantu hamwe jewe noyishura!
Nzocagura amajambo ndayibwira+,
15 Imwe ntokwishura, naho noba koko ndi mu kuri+.
Uwo tuburana mu rubanza nomutakambira nsaba ubutoni+.
16 Hamwe noyihamagara, mbega yonyishura+?
Sinemera yuko yotega ugutwi ijwi ryanje;
17 Imwe inkomerekesha ikirura
Ikagwiza vy’ukuri ibikomere vyanje ata mvo+.
19 Nimba hari uwukomeye mu bubasha, ng’iyo+;
Kandi nimba hari uwukomeye mu butungane, ese norengutswa!
20 Hamwe noba ndi mu kuri, akanwa kanje konyita umubisha;
Mbaye ntagirako umugayo, yoca ivuga ko mpetaraye.
21 Mbaye ntagirako umugayo, sinokwimenya;
Nokwanka ubuzima bwanje.
22 Hari ikintu kimwe. Ni co gituma mvuga nti:
‘Uwutagirako umugayo, be n’umubisha nyene, irabahonya+.’
23 Hamwe isegenya ikukumura yoteza urupfu giturumbuka,
Yotwenga umwiheburo w’abantu b’intungane.
24 Isi yatanzwe mu kuboko kw’umubisha+;
Mu maso h’abacamanza b’isi irahapfuka.
Itabaye yo, ni nde none?
30 Hamwe vy’ukuri nokwiyuhagira mu mazi ya shelegi,
Kandi vy’ukuri ngakaraba ipotasi*+,
31 Woca undumbukiriza mu cobo,
N’impuzu zanje zikanyanka urunuka.
35 Reka mvuge sinterwe ubwoba na yo,
Kuko muri jewe ivyo bitandimwo.