2 Abami
15 Mu mwaka ugira mirongo ibiri n’indwi wa Yerobowamu umwami wa Isirayeli, Azariya+ mwene Amaziya+ umwami wa Yuda aba umwami. 2 Yari afise imyaka cumi n’itandatu igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka mirongo itanu n’ibiri aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Yekoliya w’i Yeruzalemu. 3 Abandanya gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova, yisunze ivyo Amaziya se wiwe yari yarakoze vyose+. 4 Ibibanza bikirurutse ni vyo gusa bitazimanganye+. Abantu bari bagishikanira ibimazi bakongera bagafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku bibanza bikirurutse+. 5 Amaherezo Yehova ateza umwami icago+, maze aguma ari umunyamibembe+ gushika umusi yapfiriyeko; aguma aba mu nzu yiwe, yakuweko amabanga+, mu gihe Yotamu+ umuhungu w’umwami ari we yagaba inzu, agacira imanza+ abanyagihugu. 6 Nayo ibisigaye mu vya Azariya n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? 7 Amaherezo Azariya aryama hamwe na ba sekuruza+, hanyuma bamuhamba hamwe na ba sekuruza biwe mu Gisagara ca Dawidi; nuko Yotamu umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe+.
8 Mu mwaka ugira mirongo itatu n’umunani wa Azariya+ umwami wa Yuda, Zekariya+ mwene Yerobowamu aba umwami wa Isirayeli i Samariya amezi atandatu. 9 Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova, nk’uko ba sekuruza biwe bari barakoze+. Ntiyava mu bicumuro vya Yerobowamu+ mwene Nebati, ivyo yacumurishije Isirayeli+. 10 Nuko Shalumu mwene Yabeshi amugīra umugambi mubi+ hanyuma amugarikira+ i Ibuleyamu+, aramwica maze atangura kuganza mu kibanza ciwe. 11 Nayo ibisigaye mu vya Zekariya, ehe vyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli. 12 Iryo ryari ijambo rya Yehova+, iryo yari yarabwiye Yehu+ ati: “Abahungu+ bawe, gushika kw’iyaruka rigira kane, bazokwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli ku bwawe.” Maze bigenda gutyo+.
13 Nayo Shalumu mwene Yabeshi, aba umwami mu mwaka ugira mirongo itatu n’icenda wa Uziya+ umwami wa Yuda, hanyuma amara ukwezi* aganza i Samariya+. 14 Nuko Menahemu+ mwene Gadi aduga avuye i Tiruza+ hanyuma aza i Samariya, maze agarikira i Samariya Shalumu+ mwene Yabeshi, aramwica; nuko atangura kuganza mu kibanza ciwe. 15 Nayo ibisigaye mu vya Shalumu n’umugambi mubi+ yagīye, ehe vyanditswe mu gitabu c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli. 16 Ico gihe ni ho Menahemu yatangura gusasika Tifusa n’ivyariyo vyose n’akarere kaho guhera i Tiruza, kuko batahamwugururiye, maze atangura kuhasasika. Afomoza abagore baho bibungenze bose+.
17 Mu mwaka ugira mirongo itatu n’icenda+ wa Azariya umwami wa Yuda, Menahemu mwene Gadi aba umwami wa Isirayeli i Samariya imyaka cumi. 18 Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+. Ntiyava mu bicumuro vyose vya Yerobowamu+ mwene Nebati, ivyo yacumurishije Isirayeli+, mu misi yiwe yose. 19 Puli+ umwami wa Ashuri+ yinjira mu gihugu. Nuko Menahemu aha+ Puli italanto igihumbi z’ifeza+, kugira ngo amufashe gukomeza ubwami mu kuboko kwiwe+. 20 Nuko Menahemu asohora izo feza azatse Isirayeli, azatse abagabo bose b’intwari kandi b’abanyenkomezi+, kugira ngo ahe umwami wa Ashuri shekeli mirongo itanu z’ifeza ku bw’umugabo umwumwe wese. Umwami wa Ashuri aca arahindukira, ntiyaguma ng’aho mu gihugu. 21 Nayo ibisigaye mu vya Menahemu+ n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli? 22 Amaherezo Menahemu aryama hamwe na ba sekuruza, maze Pekahiya+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
23 Mu mwaka ugira mirongo itanu wa Azariya umwami wa Yuda, Pekahiya mwene Menahemu aba umwami wa Isirayeli i Samariya imyaka ibiri+. 24 Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+. Ntiyava mu bicumuro vya Yerobowamu+ mwene Nebati, ivyo yacumurishije Isirayeli+. 25 Maze Peka+ mwene Remaliya, igisongerezi ciwe+, amugīra umugambi mubi+ ari kumwe n’abagabo mirongo itanu bo muri bene Gileyadi maze amugarikira i Samariya mu munara wo kubamwo w’inzu y’umwami+, amugarikana na Arugobu na Ariye. Nuko aramwica hanyuma atangura kuganza mu kibanza ciwe. 26 Nayo ibisigaye mu vya Pekahiya n’ivyo yakoze vyose, ehe vyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli.
27 Mu mwaka ugira mirongo itanu na kabiri wa Azariya umwami wa Yuda, Peka+ mwene Remaliya+ aba umwami wa Isirayeli i Samariya imyaka mirongo ibiri. 28 Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+. Ntiyava mu bicumuro vya Yerobowamu+ mwene Nebati, ivyo yacumurishije Isirayeli+. 29 Mu misi ya Peka umwami wa Isirayeli, Tigulati-pileseri+ umwami wa Ashuri+ arashika hanyuma afata Iyoni+ na Abeli-beti-mayaka+ na Yanowa na Kedeshi+ na Hazori+ na Gileyadi+ na Galilaya+, igihugu cose ca Nafutali+, maze abajana mu bunyagano i Ashuri+. 30 Amaherezo Hosheya+ mwene Ela agīra umugambi mubi+ Peka mwene Remaliya maze aramugarika+, aramwica; nuko atangura kuganza mu kibanza ciwe mu mwaka ugira mirongo ibiri wa Yotamu+ mwene Uziya. 31 Nayo ibisigaye mu vya Peka n’ivyo yakoze vyose, ehe vyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli.
32 Mu mwaka ugira kabiri wa Peka mwene Remaliya umwami wa Isirayeli, Yotamu+ mwene Uziya+ umwami wa Yuda aba umwami. 33 Yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’itandatu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yerusha umukobwa wa Zadoki+. 34 Abandanya gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+. Akora yisunze ivyo Uziya se wiwe yari yarakoze vyose+. 35 Ibibanza bikirurutse ni vyo gusa bitazimanganye. Abantu bari bagishikanira ibimazi bakongera bagafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku bibanza bikirurutse+. Ni we yubatse irembo ryo haruguru ry’inzu ya Yehova+. 36 Nayo ibisigaye mu vya Yotamu, ivyo yakoze, none ntivyanditswe mu gitabu c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda+? 37 Muri iyo misi Yehova atangura kurungika+ Rezini+ umwami wa Siriya na Peka+ mwene Remaliya ngo batere Yuda. 38 Amaherezo Yotamu aryama hamwe na ba sekuruza biwe hanyuma ahambwa hamwe na ba sekuruza mu Gisagara ca Dawidi sekuruza wiwe+; nuko Ahazi+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.