Tito
3 Ubandanye kubibutsa kuyobokera+ no kugamburukira intwaro n’abakuru bwa batware+, kuba abiteguriye igikorwa ciza cose+, 2 kutagira uwo bavuga nabi, kutaba abakunda kurwana+, kuba abagira ibitegereka+, berekana ubwitonzi bwose ku bantu bose+. 3 Kuko na twebwe kera twari imburabwenge, abagambarazi, tuzimizwa, turi abaja b’ivyipfuzo n’ibinezereza bitari bimwe, dushishikara kugendera mu bubi no mu gashari, turi abo kuzinukwa, twankana+.
4 Ariko igihe ubuntu+ n’urukundo Imana Umukiza wacu+ ifitiye umuntu vyerekanwa+, 5 ntiyadukijije bivuye ku bikorwa+ na bimwe vy’ubugororotsi twari twarakoze+, ahubwo yadukijije bivuye ku mbabazi ziwe+, biciye mu kwuhagirwa+ kwadushikanye ku buzima+ no mu kutugira bashasha biciye ku mpwemu nyeranda+. 6 Iyo mpwemu yayidusutseko ku bwinshi biciye kuri Yezu Kristu Umukiza wacu+, 7 kugira ngo, tumaze kwitwa abagororotsi+ bivuye ku buntu ata wari abukwiriye bw’uwo+, tube ba samuragwa+ nk’uko icizigiro c’ubuzima budahera kiri+.
8 Iryo jambo ni iryo kwizigirwa+, kandi ku vyerekeye ivyo bintu ndipfuza ko wama ushikamye mu vyo wemeza, kugira ngo abemeye Imana bagumize imizirikanyi yabo ku gukora ibikorwa vyiza+. Ivyo ni vyiza kandi ni ngirakamaro ku bantu.
9 Mugabo uzibukire ibibazo vy’ubupfu+ be n’ivy’amamuko+ n’ugushihana+ n’indwano ku bijanye n’Itegeko+, kuko ata co vyungura kandi bitagira akamaro. 10 Nayo ku vyerekeye umuntu aremesha umuce+, umwamirire kure+ niwamara kumukebura ubwa mbere n’ubwa kabiri+; 11 uzi yuko mwene uyo muntu yataye inzira kandi ko ariko aracumura, akaba yitsindisha+.
12 Ninakurungikira Arutema canke Tikiko+, uze ukore uko ushoboye kwose uze iwanje i Nikopoli, kuko ari ho nahisemwo kumara urushana+. 13 Witwararike kuronsa Zena wa muhanga mw’Itegeko na Apolo ivyo bakeneye ku bw’urugendo rwabo, ngo ntihagire ico bakena+. 14 Mugabo abacu na bo nyene nibige kuguma bakora ibikorwa vyiza kugira ngo bironse ivyo bakeneye+ vyihutirwa, ngo ntibabe ibirumbirane+.
15 Abari kumwe nanje bose barakuramutsa+. Undamukirize abanyiyumvamwo bari mu kwizera.
Ubuntu ata wari abukwiriye bubane namwe mwese+.