Yobu
38 Maze Yehova yishurira Yobu mu kirura c’umuyaga+ ati:
2 “Uyo ni nde apfukiranya impanuro
Mu majambo ata bumenyi+?
5 Ni nde yashinze ingero zayo, nimba ubizi,
Canke ni nde yagororeye kuri yo ikamba yo gupimisha?
6 Ivyicaro binogoye+ vyayo vyatsindagiwe mu ki,
Canke ni nde yashizeho ibuye ryayo rigumya imfuruka,
7 Igihe inyenyeri zo mu gitondo+ zose hamwe ziha akamo k’umunezero,
Abana b’Imana+ bose bagatangura gusamiriza impundu?
8 Ni nde yadadiye ikiyaga akoresheje imiryango+,
Kigafyiruka nk’igiturumbutse mu gitereko;
9 Igihe nashiraho igicu ngo kibe nk’impuzu yaco
N’umuzimagiza w’umuzitanya ngo ube nk’icahi caco,
10 Igihe natangura kugabanganiriza kuri co ingingo nyobozi yanje
No gushiraho igihindizo be n’imiryango+,
11 Nkavuga nti: ‘Ushobora gushika ng’aha, ntuharenge+;
Kandi aha ni ho imipfunda yawe yishima igarukira+’?
12 Mbega kuva mu misi yawe ni ho wategetse igitondo+?
Mbega ni wewe watumye umutwenzi umenya ikibanza cawo,
19 None, inzira ija aho umuco uba iri hehe+?
None umwiza wowo, ikibanza cawo kiri hehe,
20 Ngo uwujane ku rubibe rwawo
No kugira ngo utahure amabarabara aja ku nzu yawo?
21 Woba warashoboye kubimenya kubera ko ico gihe wariko uravuka+,
No kubera ko imisi yawe ari myinshi mu gitigiri?
22 Mbega warinjiye mu bigega vya shelegi+,
Canke hoho woba ubona ibigega vy’urubura+,
23 Ivyo nabitse ku bw’igihe c’amarushwa,
Ku bw’umusi w’indwano n’intambara+?
25 Ni nde yasaturiye umuhora isegenya
Agasaturira kandi inzira igicu c’ikirura gituragara+,
26 Kugira ngo agwishe imvura ku gihugu kitagirako umuntu+,
Ku gahinga katagiramwo umuntu yakuwe mw’ivu,
27 Kugira ahāze ahantu hakubiswe n’ikirura kandi h’umusaka
No kugira ngo ameze urumerera rw’ivyatsi+?
31 Mbega woshobora gupfundika imvuto z’akarundo k’inyenyeri ka Kima,
Canke woshobora gutekurura imigozi y’akarundo k’inyenyeri ka Kesili+?
32 Mbega woshobora kuzana akarundo k’inyenyeri ka Mazaroti mu gihe cako?
Akarundo ka Ashi koko hamwe n’abana bako, woshobora kubiyobora?
35 Woshobora gutuma imiravyo ngo igende,
Na yo ikakubwira iti: ‘Turi hano!’?
36 Ni nde yashize ubukerebutsi+ mu bicu bigerekeranye,
Canke ni nde yahaye ugutegera+ ibitangaza biba kw’ijuru?
37 Ni nde yoshobora guharūra neza ibicu mu bukerebutsi,
Canke imibindi y’amazi yo mw’ijuru, ni nde yoshobora kuyicuranguza+,
38 Igihe umukungugu wisuka ukaba nk’urwuma rushongeshejwe,
Ibinonko na vyo bikamatana?