Yohani
17 Yezu avuga ivyo bintu, hanyuma araramurira amaso mw’ijuru+, avuga ati: “Data, isaha irageze; ninahaza umwana wawe, kugira ngo umwana wawe akuninahaze+, 2 nk’uko wamuhaye ububasha ku kiri n’umubiri cose+, kugira ngo ku vyerekeye igitigiri cose c’abo wamuhaye+, abahe ubuzima budahera+. 3 Kugira ngo baronke ubuzima budahera+, ni uko baguma bironsa ubumenyi+ bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri+, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu+. 4 Narakuninahaje+ kw’isi, nkaba ndangije igikorwa wampaye ngo nkore+. 5 Ubu rero ga Data, nuninaharize hamwe nawe, uninaharishije bwa buninahazwa nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho+.
6 “Narahishuriye izina ryawe abantu wampaye ubakuye mw’isi+. Bari abawe, urabampa, kandi barubahirije ijambo ryawe. 7 Ubu baramenye yuko ibintu vyose wampaye biva kuri wewe; 8 kubera ko amajambo wampaye nayabahaye+, kandi barayakiriye baramenya vy’ukuri yuko naje nguserukira+, kandi baremeye yuko wantumye+. 9 Ndabasabira; sinsabira isi+, ahubwo nsabira abo wampaye; kubera ko ari abawe, 10 kandi ivyanje vyose bikaba ari ivyawe n’ivyawe bikaba ari ivyanje+, kandi naraninahajwe muri bo.
11 “Vyongeye, sinkiri mw’isi, mugabo bo bari mw’isi+, nanje ndiko ndaza kuri wewe. Data mweranda, ubarinde+ ku bw’izina ryawe wampaye, kugira ngo babe umwe* nk’uko turi+. 12 Nkiri kumwe na bo narabarinda+ ku bw’izina ryawe wampaye; kandi narabazigamye, kandi nta n’umwe muri bo yarandutse+ atari wa mwana wo kuranduka+, kugira ngo icanditswe kiranguke+. 13 Mugabo ubu ndiko ndaza iwawe, kandi ndiko mvuga ibi bintu mw’isi kugira ngo bagire akanyamuneza kanje muri bo bimwe bishitse+. 14 Narabahaye ijambo ryawe, mugabo isi yarabanse+, kubera ko atari ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi+.
15 “Singusaba ngo ubakure mw’isi, ahubwo ngo ubarinde kubera wa mubisha+. 16 Si ab’isi+, nk’uko nanje ntari uw’isi+. 17 Ubeze+ biciye ku kuri; ijambo+ ryawe ni ukuri+. 18 Nk’uko wantumye mw’isi, na jewe narabatumye mw’isi+. 19 Kandi ndiko ndiyeza ku bwabo, ngo na bo nyene bezwe+ biciye ku kuri.
20 “Sinsabira aba bonyene, ahubwo nsabira n’abanyizera biciye kw’ijambo ryabo+; 21 kugira ngo bose babe umwe+, nk’uko wewe, Data, wunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe nawe+, ngo na bo nyene bunge ubumwe natwe+, kugira ngo isi yemere yuko wantumye+. 22 Vyongeye, narabahaye ubuninahazwa wampaye, kugira ngo babe umwe nk’uko turi umwe+. 23 Jewe nkunga ubumwe na bo, nawe ukunga ubumwe nanje, kugira ngo batunganywe babe umwe+, ngo isi imenye yuko ari wewe wantumye be n’uko wabakunze nk’uko wankunze. 24 Data, ku co wampaye, nshaka yuko aho ndi, na bo haba ari ho baba kumwe nanje+, kugira ngo babone ubuninahazwa bwanje wampaye, kubera ko wankunze imbere y’ishingwa+ ry’isi+. 25 Data ugororotse+, isi koko ntiyakumenye+; mugabo jewe narakumenye, kandi aba baramenye yuko wantumye+. 26 Kandi narabamenyesheje izina ryawe+, kandi nzorimenyekanisha, kugira ngo urukundo wankunze rube muri bo nanje nunge ubumwe na bo+.”