1 Samweli
24 Sauli akimara kugaruka avuye gukurikira Abafilisitiya+, baza kumumenyesha bati: “Ehe Dawidi ari mu gahinga ka Eni-gedi+.”
2 Sauli aca atora abagabo b’abahizi ibihumbi bitatu+ muri Isirayeli yose, aja kurondera Dawidi+ n’abantu biwe ku bitandara vyambaye ubusa vy’impene zo mu misozi+. 3 Amaherezo ashika ku mpongore z’intama zubakishijwe amabuye zari iruhande y’inzira, ahari isenga. Sauli yinjirayo kwitabara+, mu gihe Dawidi n’abantu biwe bari mu bice vyo hirya cane vy’iryo senga+, bicaye. 4 Maze abantu ba Dawidi batangura kumubwira bati: “Ng’uyu wa musi, aho Yehova akubwira koko ati: ‘Ehe ntanze umwansi wawe mu kuboko kwawe+, umugirire nk’uko ubona ko ari vyiza mu maso yawe+.’” Maze Dawidi arahaguruka, agegena buhorobuhoro igice co hepfo c’umwitero utagira amaboko wa Sauli. 5 Mugabo inyuma y’ivyo, umutima wa Dawidi uguma umukubita+ kuko yari yacacuye igice co hepfo c’umwitero utagira amaboko wa Sauli. 6 Ku bw’ivyo abwira abantu biwe ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe, nisunze uko Yehova abona ibintu, ko nogira ico kintu ku mukama wanje, uwo Yehova yarobanuje amavuta+, mu gutuma ukuboko kwanje ngo ndamugirire nabi, kuko ari uwo Yehova yarobanuje amavuta+.” 7 Nuko Dawidi ashwiragiza abantu biwe akoresheje ayo majambo, ntiyabakundira guhagurukira Sauli+. Nayo Sauli, arahaguruka ava muri iryo senga, abandanya inzira yiwe.
8 Inyuma y’ivyo Dawidi arahaguruka, asohoka muri iryo senga maze asemerera inyuma ya Sauli, ati: “Mukama wanje+ mwami!” Sauli aca araba inyuma, maze Dawidi arunama, mu maso hiwe hakora hasi+, akubita inkoro hasi. 9 Dawidi abandanya kubwira Sauli ati: “Kubera iki wumviriza amajambo y’abantu+, ngo: ‘Ehe Dawidi ariko arondera kukugirira nabi’? 10 Raba uyu musi amaso yawe arabonye ukuntu Yehova yagutanze uno musi mu kuboko kwanje mw’isenga; hari uwavuze ngo tukwice+, ariko nakwumviye akagongwe maze mvuga nti: ‘Sinotuma ukuboko kwanje ngo ngirire nabi umukama wanje, kuko ari uwo Yehova yarobanuje amavuta+.’ 11 Yewe dawe+, raba, ni ukuri raba mu kuboko kwanje igice co hepfo c’umwitero utagira amaboko wawe, kuko igihe nagicacura ntakwishe. Umenye kandi ubone yuko ata bubi+ canke umugararizo ngufiseko, kandi ko ntagucumuyeko, naho wewe uriko urabundira ubuzima bwanje ngo ubukureho+. 12 Yehova naducire urubanza twe nawe+; kandi Yehova ntazobura kumpora+ akabikubaza, ariko ukuboko kwanje ntikuzogukorako+. 13 Nk’uko nyene umugani w’aba kera uvuga uti: ‘Ububisha buzosohoka buvuye mu babisha+,’ ariko ukuboko kwanje ntikuzogukorako. 14 Mbega umwami wa Isirayeli yasohotse gukurikira nde? Uriko woma inyuma nde? Inyuma y’imbwa ipfuye+? Inyuma y’imbaragasa imwe rudende+? 15 Yehova nabe umucamanza, aducire urubanza twe nawe; azobiraba yifatire urubanza rwanje mu minwe+ maze ancire urubanza kugira ankize ukuboko kwawe.”
16 Dawidi akirangiza kubwira ayo majambo Sauli, Sauli aca avuga ati: “Mbega iryo ni ijwi ryawe ga mwananje Dawidi+?” Maze Sauli ashira ijwi hejuru, ararira+. 17 Yongera kubwira Dawidi ati: “Uragororotse kundusha+, kuko wewe wangiriye iciza+, nanje nkaba nakugiriye ikibi. 18 Wewe, uno musi urahishuye iciza wakoze ku binyerekeye, kuko Yehova yantanze mu kuboko kwawe+ mugabo ntunyice. 19 Mbega umuntu abonye umwansi wiwe, yomurungika akigira impore+? Yehova ubwiwe rero azoguhemba iciza+, kuko wangiriye iciza uyu musi. 20 Ubu rero, ehe ndazi neza ko uzoganza ata kabuza+, kandi ko mu kuboko kwawe ubwami bwa Isirayeli buzoramba vy’ukuri. 21 Nuko rero nundahire Yehova+ yuko utazokuraho uruvyaro* rwanje mu nyuma zanje be n’uko utazozimanganya izina ryanje ukarikura mu nzu ya dawe+.” 22 Nuko Dawidi arahira Sauli, hanyuma Sauli aja i muhira iwe+. Nayo Dawidi n’abantu biwe, baraduga baja mu kibanza kigoye gushikamwo+.