Yeremiya
5 Nimunyuragire mu mabarabara ya Yeruzalemu, murabe rero, muheze mumenye, mwironderere mu bibanza vya bose vyaho murabe yuko hari umuntu+ mwobona, yuko hari umuntu n’umwe ashitsa ubutungane+, umuntu n’umwe arondera ubwizigirwa+, nanje nzobabarira Yeruzalemu. 2 Naho bovuga bati: “Turahiye ukubaho kwa Yehova!”, boba bariko barahira babesha+.
3 Ewe Yehova, mbega amaso yawe ntari ku bwizigirwa+? Warabakubise+, mugabo ntibarwaye+. Warabatikije+. Baranse gutozwa indero+. Bakomantaje mu maso habo kurusha urutare+. Baranse kugaruka+. 4 Nanje nari navuze nti: “Vy’ukuri ni banyarucari. Bakoze ivy’ubupfu, kuko birengagije inzira ya Yehova, urubanza rw’Imana yabo+. 5 Ngira nje rero ku bahambaye, mvugane na bo+; kuko bo bategerezwa kuba baritayeho inzira ya Yehova, urubanza rw’Imana yabo+. Ariko vy’ukuri, bose hamwe baravunaguye koko ingǒgo; baravutaguye koko imizana+.”
6 Ni co gituma intambwe ivuye mu kibira ibateye, ibingira ryo mu biyaya vy’ubugaragwa riguma ribasahura+, ingwe iguma irikanuye ku bisagara vyabo+. Umuntu wese acaruka avuyeyo aratabagurwa. Kuko ibigabitanyo vyabo vyagwiriye; ubuhemu bwabo bwabaye bwinshi+.
7 Noshobora nte kukubabarira ico kintu? Abahungu bawe barantaye, kandi baguma barahira+ ikitari Imana+. Nagumye mbahaza+, mugabo babandanije kurenga ibigo+, kandi baja ku nzu y’umugore w’umumaraya bari mu migwi. 8 Bacitse amafarasi ashaka kwimya, afise amatengatwa akomeye. Umwe wese yānāga inyuma y’umugore wa mugenziwe+.
9 “Mbega sinkwiye kugira ico mbaza kubera ivyo bintu nyene?”, ni ko Yehova avuze+. “Canke sinkwiye kwihora ihanga nk’iryo+?”
10 “Nimudugire imisitari yiwe y’inzabibu muyiyogeze+, mugabo ntimuyiherengeteze+. Nimukureho imivyaro yiwe iriko iratotahara, kuko atari iya Yehova+. 11 Kuko inzu ya Isirayeli n’inzu ya Yuda zampemukiye koko,” ni ko Yehova avuze+. 12 “Barihakanye Yehova, kandi baguma bavuga ngo: ‘Nta wuriho+. Nta vyago bizodushikira, kandi nta nkota canke ikigoyi tuzobona+.’ 13 Abahanuzi bacika umuyaga, ijambo ntiriri muri bo+. Ukwo ni ko bazogirirwa.”
14 Ibi rero ni vyo Yehova Imana nyen’ingabo avuze: “Kubera ko muvuga ico kintu, ehe amajambo yanje mu kanwa kawe ngira ndayahindure umuriro+, aba bantu na bo bazoba inkwi, kandi uwo muriro uzobarigata+.”
15 “Ehe ngira ndabazaneko ihanga ndarikuye kure+, ewe nzu ya Isirayeli,” ni ko Yehova avuze. “Ni ihanga riramvye+. Ni ihanga rya kera, ihanga rivuga ururimi utazi, kandi ntushobora gutahura ivyo bavuga. 16 Umutana wabo umeze nk’imva irangaye; bose ni abagabo b’abanyenkomezi+. 17 Bazorigata koko n’umwimbu wawe be n’umukate wawe+. Abo bagabo bazorigata abahungu bawe n’abakobwa bawe. Bazorigata imikuku yawe n’amasho yawe. Bazorigata umuzabibu wawe n’igiti c’umusukoni cawe+. Bazosavya n’inkota ibisagara vyawe bikingijwe ibihome wizigiye.”
18 “Mbere no muri iyo misi,” ni ko Yehova avuze, “mwebwe sinzobatikiza+. 19 Kandi ntimuzobura kuvuga muti: ‘Kubera iki Yehova Imana yacu yatugiriye ivyo bintu vyose+?’ Nawe uze ubabwire uti: ‘Nk’uko mwantaye mukaja gukorera imana y’inyamahanga mu gihugu canyu, ni ko muzokorera ab’ahandi mu gihugu kitari icanyu+.’”
20 Nimumenyeshe ibi mu nzu ya Yakobo, muvyamamaze muri Yuda, muti: 21 “Nimwumve rero ibi, yemwe bantu batagira ubukerebutsi, batagira umutima+: Bafise amaso, mugabo ntibashobora kubona+; bafise amatwi, mugabo ntibashobora kwumva+. 22 ‘Mbega ntimunantiya+,’ ni ko Yehova avuze, ‘canke ngo mugire ububabare bukaze kubera jewe+, uwashizeho umusenyi ngo ubere ikiyaga urubibe, ingingo nyobozi yamaho kidashobora kurenga? Naho imipfunda yaco yisuriranya, ntishobora kunesha; naho isebagirika, ntishobora kururengana+. 23 Mugabo aba bantu basigaye bafise umutima w’akagagazo kandi ugarariza; barakebeje kandi baguma bagendera mu nzira yabo+. 24 Mugabo ntibavuze mu mutima wabo ngo: “Dutinye rero Yehova Imana yacu+, Umwe atanga imvura y’isegenya n’imvura y’agatasi n’imvura y’impeshi mu kiringo cayo+, Umwe atuzigamira amayinga yashinzwe y’iyimbura+.” 25 Amakosa yanyu ni yo yirukanye ivyo bintu, kandi ibicumuro vyanyu ni vyo bibimye ivyiza+.
26 “‘Kuko mu bantu banje habonetsemwo abantu b’ababisha+. Baguma bareretse, nk’igihe abatezi b’inyoni babunze+. Bateze umutego uhonya. Bacakira abantu. 27 Nk’uko akazu kuzuye ibiremwa biguruka, ni ko amazu yabo yuzuye ubuhendanyi+. Ni co gituma basigaye ari abantu bahambaye, kandi bararonka ubutunzi+. 28 Basigaye badoshe+; basigaye bayagayaga. Kandi basigaye basesekaye ibintu bibi. Nta rubanza baburanye+, mbere n’urubanza rw’impfuvyi*+, kugira ngo baroranirwe+; ntibaca urubanza rw’aboro.’”
29 “Mbega sinkwiye kugira ico mbaza kubera ivyo bintu?”, ni ko Yehova avuze, “canke sinkwiye kwihora ihanga nk’iryo+? 30 Hari akajoreza, egome, ikintu giteye ikinya, cakozwe mu gihugu+: 31 Vy’ukuri, abahanuzi bavuga ubuhanuzi mu kinyoma+; nayo abaherezi, bakandamiza abantu bisunze ububasha bwabo+. Kandi abantu banje bakunze ko biba gutyo+; none muzogira mute kw’iherezo ryavyo+?”