Yobu
5 “Ndakwinginze, uhamagare! Hari uwukwishura?
Ni nde mu beranda uzokwitura?
2 Kuko igipfu kizokwicwa n’umwikomo,
N’uworoshe gukwegakwega akazokwicwa n’ukugira agashari.
5 Ivyo yimbuye biribwa n’umushonji;
Mbere umuntu abikura ku ngobe z’umuyangayanga,
Umutego na wo ukarondera gusūmira ibibabeshaho.
6 Kuko mu mukungugu musa atari ho ibintu bibabaza biva,
Kandi mu butaka busa si ho ivyago vyadukana.
7 Kuko umuntu avukira ivyago,
Nka kurya udusase tugurukira mu kirere.
8 Ariko jeho nokwitura Imana,
Kandi Imana ni yo noshikiriza imburano zanje+,
9 Imwe ikora ibikomeye bidaserangurika,
Ibintu vy’agatangaza bitagira igitigiri+;
10 Imwe igwisha imvura ku buringanire bw’isi+
Ikarungika amazi ku gahinga k’inkumbagare+;
11 Imwe ishira abari hasi mu kibanza co hejuru+,
Ku buryo abijiriwe baja hejuru mu bukiriro;
12 Imwe ihindura ubusa imigambi y’abanyabwenge+,
Ku buryo amaboko yabo adakora ngo hagire ikivamwo;
13 Imwe ifatira inkerebutsi mu rwenge rwazo bwite+,
Ku buryo impanuro y’abazi amayeri icuranguzwa+;
14 Bahura n’umwiza mbere no ku murango,
Bagakabakaba ku mutaga nk’aho hoba ari mw’ijoro+;
15 Imwe ikiza umuntu inkota yo mu kanwa kabo,
Igakiza umworo ukuboko kw’uwukomeye+,
16 Ku buryo ku muntu mutoyi haba icizigiro+,
Ariko ukutagororoka kukiyugarira akanwa kakwo+.
18 Kuko we ateza umubabaro, ariko agatubika igikomere;
Aramenagura, ariko amaboko yiwe akaba ari yo akiza.
22 Ubunyazi n’inzara uzobitwenga,
N’igikoko co kw’isi ntuzokwirirwa uragitinya.
23 Kuko uzogiranira isezerano n’amabuye yo mu gahinga,
Kandi igikoko co mu gahinga ubwaco kizokwibanira amahoro nawe+.
24 Uzomenya vy’ukuri ko amahoro ubwayo ari yo hema ryawe,
Kandi uzogenda koko ubone itongo ryawe ry’uburagiriro, kandi nta co uzobura.
25 Kandi uzomenya koko yuko uruvyaro rwawe ari rwinshi+
N’abamuka kuri wewe ko ari nk’ibimera vyo kw’isi+.
27 Ehe! Ivyo ni vyo twatohoje. Ni ko biri.
Vyumve, nawe ubwawe ubimenye.”