Zaburi
3 Numbere iboma ry’igitandara ryo kwinjiramwo nantaryo+.
Tegeka nkizwe+,
Kuko uri urutare rwanje n’igihome canje gikomeye+.
4 Ewe Mana yanje, nunkize ukuboko kw’umubisha+,
Unkize ikiganza c’uwukora ivy’akarenganyo n’agahahazo+.
5 Kuko uri icizigiro canje+, ewe Mukama Segaba Yehova, umwizero wanje kuva mu buto bwanje+.
6 Ni wewe nishimikije kuva nkiri mu nda+;
Ni wewe wantandukanije n’ubura bwa mama+.
Muri wewe ni ho ishemezo ryanje ryama+.
10 Kuko abansi banje bavuze ku binyerekeye+,
N’abaguma bareretse ubuzima bwanje bagiye hamwe baja inama+,
13 Nibamaramare, bahone, abo barwanya ubuzima bwanje+.
Nibipfuke iceyi n’agateterwe, abo bandonderera ivyago+.
15 Akanwa kanje kazodonda ubugororotsi bwawe+,
Kadonde ubukiriro bwawe burinde bwira+,
Kuko ntamenye ibitigiri vyavyo+.
16 Nzozanana ubushobozi buhambaye+, ewe Mukama Segaba+ Yehova;
Nzovuga ubugororotsi bwawe, ubwawe gusa+.
17 Ewe Mana, wanyigishije kuva mu buto bwanje+,
Kandi gushika n’ubu nguma ntangaza ibikorwa vyawe vy’agatangaza+.
18 Mbere no gushika mu gihe c’ubusaza n’imvi ku mutwe, ewe Mana, ntumpebe+,
Gushika mbwiye iyaruka ivy’ukuboko kwawe+,
Mbwiye abazoza bose ivy’ubushobozi bwawe+.
19 Ubugororotsi bwawe, ewe Mana, bugereza iyo hejuru+;
Nayo ku biraba ibikomeye wakoze+,
Ni nde ga Mana ameze nkawe+?
20 Kubera ko watumye mbona amarushwa menshi n’ivyago vyinshi+,
Nungarurire agatege+;
Ongera unduze, unkure mu nyenga z’amazi z’isi+.
22 Nanje, nzoguhaya ku gicurarangisho c’imirya+,
Ku biraba ukuri kwawe, ewe Mana yanje+!
Nzoguhibongoreza ku nanga, ewe Mweranda wa Isirayeli+!