1 Samweli
16 Amaherezo Yehova abwira Samweli ati: “Uzogandarira Sauli+ gushika ryari kandi jewe namwanse ngo ntaganze Isirayeli+? Niwuzuze ihembe ryawe amavuta+ hanyuma ugende. Ngira ngutume kuri Yese+ Umunyabetelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe+.” 2 Mugabo Samweli avuga ati: “Nogenda nte? Sauli niyavyumva ntazobura kunyica+.” Nuko Yehova yongera kuvuga ati: “Uze witwaze inka ikiri nto yo mu busho, hanyuma uze uvuge uti: ‘Nzanywe no gushikanira ikimazi Yehova+.’ 3 Hanyuma uze utumire Yese kuri nya kimazi; nanje nzokumenyesha ico ukwiye gukora+, maze undobanurize amavuta+ uwo nzokurangira.”
4 Nuko Samweli akora ivyo Yehova avuze. Ashitse i Betelehemu+, abagabo b’inararibonye b’igisagara batangura kujugumira+ babonanye na we, maze bavuga bati: “Ukuza kwawe kwoba gusobanura amahoro+?” 5 Aca avuga ati: “Gusobanura amahoro. Nzanywe no gushikanira ikimazi Yehova. Nimwiyeze+, hanyuma tujane kuri nya kimazi.” Maze yeza Yese n’abahungu biwe, araheza abatumira kuri ico kimazi. 6 Nuko binjiye maze akabona Eliyabu+, aca avuga ati: “Emwe, uwo Yehova yarobanuje amavuta ari imbere yiwe.” 7 Mugabo Yehova abwira Samweli ati: “Nturabe uko asa n’uburebure bw’igihagararo ciwe+, kubera ko namwanse. Kuko Imana itabona nk’uko umuntu abona+, kubera ko umuntu buntu abona ibiboneka ku maso+, mugabo Yehova we, abona ico umutima+ uri.” 8 Maze Yese ahamagara Abinadabu+ hanyuma amucisha imbere ya Samweli, mugabo avuga ati: “N’uyu Yehova ntiyamutoye.” 9 Ubukurikira Yese acisha ng’aho Shama+, mugabo Samweli avuga ati: “N’uyu Yehova ntiyamutoye.” 10 Yese acisha rero indwi mu bahungu biwe imbere ya Samweli; mugabo Samweli abwira Yese ati: “Abo Yehova ntiyabatoye.”
11 Amaherezo Samweli abwira Yese ati: “Aba ni bo bahungu bose?” Na we avuga ati: “Haracasigaye umuhererezi+, kandi ehe aragiye intama+.” Samweli aca abwira Yese ati: “Tuma baje kumurondera, kuko tutari bwicare ngo turye ataraza hano.” 12 Nuko atuma kumuzana. Na we yari inzobe+, akaba umusore afise amaso meza kandi asa neza. Maze Yehova avuga ati: “Haguruka umurobanuze amavuta, kuko ari uyu+!” 13 Samweli rero atora rya hembe ry’amavuta+, arayamurobanuza hagati ya bene wabo. Nuko impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri Dawidi kuva uyo musi+. Mu nyuma Samweli arahaguruka aja i Rama+.
14 Nuko impwemu ya Yehova iva+ kuri Sauli, maze impwemu mbi+ ivuye kuri Yehova imutera ubwoba. 15 Abasuku ba Sauli bamubwira rero bati: “Ehe ubu impwemu mbi y’Imana iriko iragutera ubwoba. 16 Turakwinginze, umukama wacu ategeke abasuku bawe imbere yawe, kugira barondere umugabo w’umuhanga+ avuza inanga+. Maze impwemu mbi y’Imana niyaza kuri wewe, azoce acuraranga n’ukuboko kwiwe, kandi ntibizobura guca bikugendera neza.” 17 Sauli rero abwira abasuku biwe ati: “Ndabinginze mundonderere umugabo azi neza kuvuza inanga, muheze mumunzanire+.”
18 Umwe muri nya basuku arishura, ati: “Urazi, narabonye ko mwene Yese Umunyabetelehemu ari umuhanga mu vyo kuvuza inanga+; ni umugabo w’intwari kandi w’umunyenkomezi+, akaba n’umurwanyi+; ni umuntu avugana ubwenge+, akaba n’umugabo aremye neza+, kandi Yehova ari kumwe na we+.” 19 Maze Sauli atuma intumwa kuri Yese ati: “Nundungikire Dawidi umuhungu wawe, umwe ari kumwe n’umukuku+.” 20 Nuko Yese atora indogobwa n’umukate n’umukuza w’urushato+ w’umuvinyu n’akagazi k’impene, abirungikira Sauli biciye kuri Dawidi umuhungu wiwe+. 21 Gutyo Dawidi aza kwa Sauli maze aramukorera+; Sauli aramukunda cane, arahava aba uwumutwaza ibirwanisho+. 22 Sauli atuma rero kuri Yese ati: “Ndakwinginze Dawidi agume ankorera, kuko yagize ubutoni mu maso yanje.” 23 Ibi rero ni vyo vyaba: impwemu y’Imana ije kuri Sauli, Dawidi yaca atora inanga akayivuza n’ukuboko kwiwe; ivyo vyatuma Sauli aruhurirwa, bikamugendera neza, maze nya mpwemu mbi ikamuvako+.