Kuvayo
1 Aya rero ni yo mazina ya bene Isirayeli baje mu Misiri bari kumwe na Yakobo, umugabo wese azanana n’urugo rwiwe+: 2 Rubeni+, Simeyoni+, Lewi+ na Yuda+, 3 Isakari+, Zebuloni+ na Benyamini+, 4 Dani+ na Nafutali+, Gadi+ na Asheri+. 5 Abantu bose bakomotse kuri Yakobo*+ babaye abantu mirongo irindwi, mugabo Yozefu yari asanzwe ari mu Misiri+. 6 Amaherezo Yozefu arapfa+, na bene wabo bose, n’iryo yaruka ryose. 7 Nuko bene Isirayeli bararondoka, batangura kugwirirana; kandi baguma bagwira bongera barushiriza gukomera ku rugero rudasanzwe, ku buryo buzura ico gihugu+.
8 Mu nyuma hahaguruka umwami mushasha aganza Misiri, atari azi Yozefu+. 9 Maze atangura kubwira abantu biwe ati: “Ehe raba! Bene Isirayeli ni benshi kandi barakomeye kuturusha+. 10 Ee baga! Tubīgire ubwenge+, ntibahave bagwira, maze dushikiwe n’intambara bagaca biyongera ku batwanka, bakaturwanya hanyuma bakaduga bakava mu gihugu.”
11 Nuko babashiriraho abakuru b’ibikorwa vy’agahato, kugira babahahaze mu kubikoreza imizigo+; baraheza bubakira Farawo ibisagara vy’ububiko, ari vyo Pitomu na Ramusesi+. 12 Mugabo uko barushiriza kubahahaza, ni ko barushiriza kugwira kandi ni ko barushiriza kuguma bakwiragira hose, ku buryo bagira ubwoba bagashegeshwa kubera bene Isirayeli+. 13 Ku bw’ivyo Abanyamisiri bakoresha bene Isirayeli nk’abashumba, mu mukazo+. 14 Baguma batuma ubuzima bwabo buba umururazi mu kubakoresha ibikorwa vy’ubushumba biruhisha vyo guponda ubudongo bw’ibumba+ no kubumba amatafari, no mu kubakoresha ibikorwa vy’ubushumba vy’ubwoko bwose mu matongo+, emwe, ibikorwa vy’ubushumba vy’ubwoko bwose babakoreshamwo ari abashumba, mu mukazo+.
15 Mu nyuma umwami wa Misiri abwira abakirizi b’Abaheburayokazi+, umwe akaba yitwa Shifura uwundi Puwa, 16 emwe, arinamura ati: “Igihe mufasha abagore b’Abaheburayokazi kwibaruka, mukababona bari ku ntebe* yo kwibarukirako, havutse umuhungu muce mumwica, mugabo ari umukobwa mumureke abeho.” 17 Ariko nya bakirizi batinya Imana y’ukuri+, ntibagira nk’uko umwami wa Misiri yari yababariye+, bazigamira ubuzima abana b’abahungu+. 18 Mu nyuma umwami wa Misiri ahamagara ba bakirizi, ababwira ati: “Kubera iki mwakoze ico kintu, mukazigamira ubuzima abana b’abahungu+?” 19 Nya bakirizi na bo babwira Farawo bati: “Ni kubera ko abagore b’Abaheburayokazi batameze nk’abagore b’Abanyamisirikazi. Kubera ko buzuye ingoga, baba bamaze kwibaruka imbere y’uko umwakirizi abashikira.”
20 Nuko Imana igirira neza nya bakirizi+; ico gisata kiguma kirushiriza kugwira no gukomera cane. 21 Maze kubera ko nya bakirizi bari batinye Imana y’ukuri, mu nyuma ibaronsa imiryango+. 22 Amaherezo Farawo ategeka abantu biwe bose ati: “Umuhungu wese avutse mumuterere mu ruzi Nili, ariko umukobwa wese mumuzigamire ubuzima+.”