1 Abakorinto
9 Mbega sindi uwidegemvya+? Mbega sindi intumwa+? Mbega sinabonye Yezu Umukama wacu+? Mbega si mwebwe gikorwa canje mu Mukama? 2 Nimba ntari intumwa ku bandi, ndi yo koko kuri mwebwe, kuko ari mwebwe kidodo cemeza+ ukuba intumwa kwanje mu bijanye n’Umukama.
3 Ukwiregura kwanje ku bansuzuma ni uku+: 4 Mbega ntidufise uburenganzira bwo kurya+ no kunywa? 5 Mbega ntidufise uburenganzira bwo kwabira+ mushiki wacu tukajana, cokimwe n’izindi ntumwa na bene wabo n’Umukama+ be na Kefa+? 6 Canke ni Barunaba+ na jewe gusa tudafise uburenganzira bwo kureka gukora akazi+? 7 Ni nde yigera akora nk’umusoda ku mahera yiwe bwite? Ni nde atera umurima w’imizabibu ntafungure ku vyo wamye+? Canke ni nde aragira ubusho ntafungure ku mata yabwo+?
8 Mbega ndiko mvuga ivyo bintu nisunze ingingo z’abantu+? Canke Itegeko+ ryoryo ntirivuga ivyo bintu? 9 Kuko mw’itegeko rya Musa handitswe ngo: “Ntukarumye umunwa w’ishūri iyo iriko irakubita ibinyantete+.” Mbega amashūri ni yo Imana ibabaye? 10 Canke ivyo vyose ibivuga ku bwacu? Mu vy’ukuri vyanditswe ku bwacu+, kuko uwurima abwirizwa kurimana icizigiro, n’uwukubita akabwirizwa kubigira yizigiye kuronkako+.
11 Nimba twabivye ibintu vy’impwemu+ muri mwebwe, coba ari ikintu gikomeye dushwabuye ibintu vy’umubiri muri mwebwe+? 12 Nimba abandi bantu bafise ubwo burenganzira kuri mwebwe+, tweho ntiturushiriza? Yamara rero ntitwakoresheje ubwo burenganzira+, ahubwo twihanganira vyose, kugira ntidutange ikintu na kimwe kibera intambamyi inkuru nziza+ yerekeye Kristu. 13 Ntimuzi yuko abakora imirimo myeranda barya+ ibintu vyo mu rusengero, abaguma bakora+ ku gicaniro* na bo bagasangira n’igicaniro? 14 Muri ubwo buryo nyene, Umukama yategetse+ ko abatangaza inkuru nziza babaho biciye ku nkuru nziza+.
15 Mugabo jewe nta na kimwe nakoresheje muri ivyo+. Vy’ukuri, sinanditse ivyo kugira bingendere gutyo, kuko nopfuma mpfa hako... nta muntu azohindura ubusa imvo yanje yo kwirata+! 16 Nimba rero ndiko menyesha inkuru nziza+, si imvo yotuma nirata, kuko ndi n’ikingobera+. Mu vy’ukuri, noba ngowe+ hamwe ntomenyesha inkuru nziza! 17 Nimba ndabikorana umutima ukunze+, ndafise impembo+; mugabo nimba ndabikora ku kagobero, na ho nyene ndafise ububwiriza+ najejwe. 18 None impembo yanje ni iyihe? Ni uko mu gihe menyesha inkuru nziza notanga inkuru nziza ku buntu+, kugira ngo sinkoreshe nabi uburenganzira mfise mu bijanye n’inkuru nziza.
19 Kuko naho ndi uwidegemvya ku bantu bose, nigize umushumba+ kuri bose, ngo ndonke+ abantu benshi bashoboka. 20 Ku Bayuda rero nacitse nk’Umuyuda+, kugira ndonke Abayuda; ku bagabwa n’itegeko nacitse nk’uwugabwa n’itegeko+, naho jewe ubwanje ntagabwa n’itegeko+, kugira ndonke abagabwa n’itegeko. 21 Ku batagira itegeko+ nacitse nk’uwutagira itegeko+, naho ntari uwutagira itegeko ku Mana mugabo nkaba ngabwa n’itegeko+ kuri Kristu+, kugira ndonke abatagira itegeko. 22 Ku bagoyagoya nacitse uwugoyagoya, ngo ndonke abagoyagoya+. Nacitse vyose ku bantu b’uburyo bwose+, kugira ngo uko bishoboka kwose ngire abo nkiza. 23 Mugabo nkora vyose ku bw’inkuru nziza, kugira ndayisangire+ n’abandi.
24 Ntimuzi yuko abirutsi+ mw’isiganwa biruka bose, mugabo umwe gusa akaba ari we aronka agashimwe+? Nimwiruke+ ku buryo mugashikira+. 25 Vyongeye, umuntu wese agira uruhara mw’ihiganwa arigumya+ muri vyose. Abo nkako babigira kugira baronke urugori+ rubora, mugabo twebwe tubigira kugira turonke urutabora+. 26 Uko niruka+ rero, si nk’uwutazi iyo aja; uko ntera ibipfunsi, ni ku buryo ntakubita ikirere+; 27 mugabo umubiri+ wanje ndawukubitagura ibipfunsi nkawujana nk’umuja, kugira ngo maze kwamamaza ku bandi, nanje ubwanje simpave mba uwutemewe+.