1 Abakorinto
13 Hamwe novuga mu ndimi+ z’abantu n’iz’abamarayika mugabo nkaba ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga canke icuma kivuzwa kigasāma+. 2 Kandi naho noba mfise ingabirano yo kuvuga ubuhanuzi+ nkamenya n’amabanga meranda+ yose n’ubumenyi+ bwose, kandi naho noba mfise ukwizera kwose ku buryo nimura imisozi+, mugabo nkaba ntagira urukundo, noba ndi ubusa+. 3 Kandi naho notanga ivyo ntunze vyose kugira ngaburire abandi+, naho notanga umubiri wanje+ kugira nirate, mugabo nkaba ntagira urukundo+, nta co vyogenda bimariye.
4 Urukundo+ ruriyumanganya+ kandi rugira ubuntu+. Urukundo ntirugira ishari+, ntirwiyemera+, ntirwivyimvya+, 5 ntirwigenza ukutabereye+, ntirurondera inyungu zarwo bwite+, ntirukaza ishavu+. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe+. 6 Ntirunezererwa ibitagororotse+, ahubwo runezeranwa n’ukuri+. 7 Rurenzako muri vyose+, rwemera vyose+, rwizigira vyose+, rwihanganira vyose+.
8 Urukundo ntirwigera runanirwa+. Mugabo zaba ingabirano z’ukuvuga ubuhanuzi, zizokurwaho; zaba indimi, zizohagarara; bwaba ubumenyi, buzokurwaho+. 9 Kuko dufise ubumenyi bw’igice+ kandi tukavuga ubuhanuzi igice+; 10 mugabo igikwiye nicashika+, ivy’igice bizokurwaho. 11 Igihe nari uruyoya, navuga nk’uruyoya, nkiyumvira nk’uruyoya, nkazirikana nk’uruyoya; mugabo ubu ko nabaye umugabo+, narakuyeho uturanga tw’uruyoya. 12 Kuko ubu tubona ivyijiji mu cirore c’icuma+, mugabo ico gihe hoho bizoba ari amaso mu yandi+. Ubu nzi igice, mugabo ico gihe hoho nzomenya neza nk’uko nanje nzwi neza+. 13 Ariko ubu hagumaho ukwizera, icizigiro, urukundo, ivyo bitatu; mugabo ikiruta ivyo vyose ni urukundo+.