2 Kubera iki amahanga yagiye mu ruhagarara+,
N’imiryango y’amahanga ikaguma ivugira mu ntamatama ikintu ata co kimaze+?
2 Abami b’isi barahagaze+
Kandi abategetsi bakurubakuru bakoraniye hamwe nk’umuntu umwe+
Ngo barwanye Yehova+ n’uwo yarobanuje amavuta+,
3 Bakavuga ngo: “Tuvutagure imizana yabo+
Dushiburire kure yacu imigozi yabo+!”
4 Wa Wundi yicaye mu majuru+ azokwitwengera;
Yehova ubwiwe azobatwengera mw’ijigo+.
5 Ico gihe azobabwirira mw’ishavu ryiwe+,
Kandi mu bushangashirwe bukaze bwiwe azobahagarika umutima+,
6 Ati: “Jewe, jewe nyene, nimitse umwami wanje+
Kuri Siyoni+, umusozi wanje mweranda+.”
7 Reka mvuge ingingo ya Yehova;
Yambwiye ati: “Uri umwana wanje+;
Jewe uno musi ncitse so+.
8 Nsaba+, nguhe amahanga abe intoranwa yawe+
N’impera z’isi zibe itongo wigabira+.
9 Uzobamenaguza agakoni k’ubutware k’icuma+;
Nka kurya kw’icombo c’umubumvyi, uzobasavya+.”
10 None rero, emwe mwa bami, nimukoreshe ugutahura kwimbitse;
Nimwemere mukosorwe, emwe mwa bacamanza b’isi+.
11 Nimukorere Yehova hariko n’ugutinya+,
Munezerwe hariko n’ukujugumira+.
12 Nimusome wa mwana+, Imana ntirurumbe ishavu
Kandi ntimuyogere ngo muve mu nzira+,
Kuko ishavu ryiwe rirurumba bitagoranye+.
Hahiriwe abo bose bahungira muri we+.