1 Timoteyo
6 Abari munsi y’ingǒgo y’ubushumba bose nibagume babona ko ba shebuja babereye iteka ryuzuye+, kugira ngo izina ry’Imana be n’inyigisho yayo ntivyigere bivugwa nabi+. 2 Vyongeye, abafise ba shebuja bemera+ ntibabagaye+ ngo ni uko ari bene wacu+. Ahubwo riho, nibarushirize kuba abashumba, kuko abungukira ku gikorwa ciza cabo ari abemera n’abakundwa.
Ugume wigisha ivyo bintu+ wongera ushikiriza aya majambo yo guhimiriza. 3 Nimba hari umuntu yigisha izindi nyigisho+ kandi ntiyemere ya majambo ngirakamaro*+, amwe y’Umukama wacu Yezu Kristu, canke ntiyemere inyigisho ihuye n’ukwihebera Imana+, 4 aba yivyimvya+, adategera ikintu na kimwe+; ahubwo aba arwaye mu mutwe+ arwajwe n’ibibazo be n’impari ku majambo+. Ivyo bivamwo agashari+, ugushihana, ugutukana+, imyikeko mibi, 5 impari zikaze ku bintu bitagira mvura zigirwa n’abantu bononekaye mu muzirikanyi+ banyazwe ukuri+, bakiyumvira ko ukwihebera Imana ari uburyo bwo kuronka inyungu+. 6 Nkako, ukwo kwihebera Imana+, kuri kumwe n’ukwikwira+, ni uburyo bwo kuronka inyungu ikomeye+. 7 Kuko ata co twazanye mw’isi, kandi nta na kimwe dushobora kuyikuramwo+. 8 Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba+.
9 Ariko abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu kigeragezo+ no mu mutego no mu vyipfuzo vyinshi vy’ubupfu kandi bibagirira nabi+, bidwibiza abantu mu gatikizo no mu mahonero+. 10 Kuko urukundo+ rw’amahera ari umuzi+ w’ibibi vy’ubwoko bwose+, kandi mu kurondera gushikira urwo rukundo bamwe barahubijwe bava ku kwizera, bitobekeranisha hose imibabaro myinshi+.
11 Ariko weho ga muntu w’Imana, hunga ivyo bintu+. Mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwihebera Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana, ubwitonzi+. 12 Rwana indwano nziza y’ukwizera+, ucakire ubuzima budahera wahamagariwe kandi ukabushingira intahe nziza icese+ imbere y’ivyabona vyinshi.
13 Imbere y’Imana, yo izigamira ubuzima ibintu vyose, n’imbere ya Kristu Yezu, we bwa cabona+ yashinze intahe nziza icese+ imbere ya Ponsiyo Pilato+, ngutegetse+ 14 kwubahiriza ibwirizwa mu buryo butagira agatosi kandi butagira ico bunegurwa gushika ku kwigaragaza+ kw’Umukama wacu Yezu Kristu. 15 Ukwo kwigaragaza, wa muhirwa akaba na we Munyabubasha+ wenyene azokwerekana mu bihe vyakwo+, we Mwami+ w’abaganza akaba n’Umukama+ w’abakama batwara, 16 umwe wenyene afise ukudapfa+, aba mu muco utegerwa+, wa wundi ata n’umwe mu bantu yamubonye canke ashobora kumubona+. Iteka+ n’ubushobozi bibe ivyiwe ibihe bidahera. Amen.
17 Tegeka abatunzi+ bo muri iki gihe* kutihambaza+, no kudashingira icizigiro cabo ku butunzi butari ubwo kwizigirwa+, mugabo bagishingire ku Mana, yo ituronsa ku bwinshi ibintu vyose kugira ngo tubinezererwe+; 18 ubategeke gukora ivyiza+, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza+, gutanga batitangira, bagabirije gusangira n’abandi+, 19 bibikire nk’ubutunzi+ ahatagira inkomanzi umushinge+ mwiza ku bwa kazoza, kugira bacakire ubuzima nyakuri+.
20 Ewe Timoteyo, rinda ico wabikijwe+, uhunge amajambo agaragara asiga iceyi ibintu vyeranda, uhunge n’amajambo avuguruzanya y’ivyitwa ngo ni “ubumenyi+.” 21 Kubera uguhaya mwene ubwo bumenyi bamwe barakebeje bata ukwizera+.
Ubuntu ata wari abukwiriye bubane namwe.