Abaheburayo
10 Kubera ko Itegeko rifise igitutu+ c’ibintu vyiza bizoza, mugabo atari umutumba nyene wa nya bintu, abantu ntibashobora kwigera batuma abegera Imana baba abatagira akanenge+ hakoreshejwe vya bimazi nyene bama bashikana ku mwaka ku mwaka. 2 Ahandiho, mbega ibimazi ntibiba vyararetse gushikanwa, kuko abakora igikorwa ceranda bari bahumanuwe rimwe rizima batosubiye kwiyumvamwo ibicumuro+? 3 Ahubwo riho, ivyo bimazi bituma haba ukwibukiriza ibicumuro uko umwaka utashe+, 4 kuko bidashoboka ko amaraso y’amashūri n’ay’impene akuraho ibicumuro+.
5 Ni co gituma igihe aza mw’isi avuga ati: “‘Ibimazi n’amashikanwa nta vyo washatse+, mugabo wanteguriye umubiri+. 6 Ntiwashimye amashikanwa aturiwe uko yakabaye be n’amashikanwa y’igicumuro+.’ 7 Maze ndavuga nti: ‘Ehe ndaje (mu muzingo w’igitabu biranditswe kuri jewe+) nje gukora ukugomba kwawe, ewe Mana+.’” 8 Amaze kubanza kuvuga ati: “Ntiwashatse canke ngo ushime ibimazi n’amashikanwa be n’amashikanwa aturiwe uko yakabaye be n’amashikanwa y’igicumuro+”—bikaba ari ibimazi bishikanwa hisunzwe Itegeko+— 9 maze avuga koko ati: “Ehe ndaje gukora ukugomba kwawe+.” Akuraho ivya mbere kugira ngo ashinge ivya kabiri+. 10 Biciye kuri ukwo “kugomba+” kuvuzwe, twarejejwe+ tubikesheje ugushikanwa+ kw’umubiri wa Yezu Kristu rimwe+ rizima.
11 Vyongeye, umuherezi wese araja mu kibanza ciwe+ ku musi ku musi+ ngo akore igikorwa gikorerwa abantu no kugira ngo ashikane kenshi vya bimazi nyene, kuko ivyo bitigera bishobora gukuraho ibicumuro rwose+. 12 Mugabo uwo muntu yashikanye ikimazi kimwe ku bw’ibicumuro ibihe vyose+ hanyuma yicara iburyo bw’Imana+, 13 kuva ubwo ararorera gushika abansi biwe bagizwe nk’intebe y’ibirenge vyiwe+. 14 Kuko kw’ishikanwa rimwe ry’ikimazi+ ari ho abezwa yabagize abatagira akanenge+ ibihe vyose. 15 Vyongeye, impwemu nyeranda+ na yo nyene iradushingira intahe, kuko mu nyuma yo kuvuga iti: 16 “‘Iri ni ryo sezerano nzosezerana kuri bo inyuma y’iyo misi,’ ni ko Yehova avuga. ‘Nzoshira amategeko yanje mu mitima yabo, kandi mu mizirikanyi yabo ni ho nzoyandika+,’” 17 irongera ikavuga iti: “Kandi sinzogenda nongeye kwibuka ibicumuro vyabo n’ibikorwa vyabo vy’ubugarariji+.” 18 Rero, aho ivyo bibabariwe+, ntihaba hakiri ishikanwa ry’igicumuro+.
19 Rero ga bene wacu, ko dufise ubutinyutsi bwo guca mu nzira yinjira+ ahantu heranda+ biciye ku maraso ya Yezu, 20 iyo yadutangurije ari inzira nshasha kandi nzima ica muri rya rido+, ari ryo mubiri wiwe+, 21 kandi ko dufise umuherezi akomeye ku nzu y’Imana+, 22 twegere dufise imitima nyakuri, dufise ugushira amazinda gukwiye kuvuye ku kwizera, imitima yacu imijagiwe igakurwamwo ijwi ribi+ n’imibiri yacu yuhagijwe amazi atyoroye+. 23 Tugumye kwa gushingira intahe icese icizigiro+ cacu tudahungabana+, kuko uwasezeranye ari umwizigirwa+. 24 Kandi twiyumvirane kugira tuvyuriranire+ ugukundana n’ibikorwa vyiza+, 25 tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu+, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya+, kandi birushirize kumera gutyo uko mubona wa musi wegereza+.
26 Kuko nimba tuza turacumura n’ibigirankana+ tumaze kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri+, nta kimazi c’ibicumuro kiba kigisigaye+, 27 ahubwo haba hasigaye ukwitegana ubwoba ata kabuza urubanza+ hakaba n’ishari ry’umuriro rigiye kuyigiza abarwanya Imana+. 28 Umuntu wese akengereye itegeko rya Musa arapfa ata mpuhwe, ku ntahe ya babiri canke batatu+. 29 None mwiyumvira ko kizoba gikaze ukungana iki igihano+ gikwiriye umuntu yahonyanze+ Umwana w’Imana kandi agafata ibisanzwe amaraso+ y’isezerano ubwiwe yezeshejwe, akongera agatuka ya mpwemu+ y’ubuntu ata wari abukwiriye n’akagaye n’akantu? 30 Kuko tuzi uwavuze ati: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu ndumane+”; vyongeye ati: “Yehova azocira urubanza abantu biwe+.” 31 Birateye ubwoba gukorokera mu maboko ya ya Mana nzima+.
32 Ariko mugume mwibuka imisi ya kera, hamwe mwihanganira urugamba rukomeye mu mibabaro+ inyuma y’aho mumariye kumurikirwa+: 33 hari igihe mwashirwa ku kabarore nko mu kibanza c’ibirori+ mu bitutsi n’amakuba, hari n’igihe mwifatanya n’abariko barashikirwa na mwene ivyo bintu+. 34 Kuko mwerekanye ko mubabarana n’abari mw’ibohero kandi mukemera munezerewe gusahurwa+ ivyanyu, muzi yuko mwebwe ubwanyu mufise itunga ryiza kuruta kandi riramba+.
35 Ntimute rero umwidegemvyo wanyu wo kuvuga+, umwe ufise impembo nini+ uzohabwa. 36 Kuko mukeneye ukwihangana+, kugira ngo nimwamara gukora ukugomba kw’Imana+, muronke iranguka rya wa muhango+. 37 Kuko hasigaye “akanya gato cane+,” kandi “umwe ariko araza azoshika kandi ntazoteba+.” 38 “Mugabo umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera+,” kandi, “asubiye inyuma, umutima* wanje ntuhimbarwa na we+.” 39 Twebwe rero ntituri muri bamwe basubira inyuma ngo bahone+, ahubwo turi muri bamwe bafise ukwizera ngo bazigamirwe ubuzima+.