Nehemiya
8 Nuko abantu bose bakoranira nk’umuntu umwe+ mu kibanza ca bose+ cari imbere y’Irembo ry’Amazi+. Maze babwira Ezira+ umwimuzi ngo azane igitabu+ c’itegeko rya Musa+, iryo Yehova yari yarategetse Isirayeli+. 2 Ku musi wa mbere w’ukwezi kugira indwi+, Ezira+ umuherezi azana rero iryo tegeko imbere y’ishengero+ ry’abagabo n’abagore n’abaciye ubwenge bihagije bose ku buryo bashobora kwumviriza+. 3 Abandanya gusoma+ muri ico gitabu n’ijwi ryumvikana imbere ya nya kibanza ca bose kiri imbere y’Irembo ry’Amazi, kuva mu mutwenzi+ gushika ku mutaga, imbere y’abagabo n’abagore n’abandi baciye ubwenge; kandi amatwi+ y’abantu bose yariko yumviriza+ nya gitabu c’itegeko. 4 Ezira umwimuzi aguma ahagaze ku mutaramuko+ w’ibiti bari bakoreye urwo rubanza; kandi iruhande yiwe hari hahagaze Matitiya na Shema na Anaya na Uriya na Hilikiya na Mayaseya, bakaba bari iburyo bwiwe; ibubamfu bwiwe na ho hari Pedaya na Mishaheli na Malikiya+ na Hashumu+ na Hashi-badana na Zekariya na Meshulamu.
5 Nuko Ezira azingurura+ ico gitabu mu maso y’abantu bose, kuko yari hejuru y’abantu bose; akizinguruye abantu bose barahaguruka+. 6 Maze Ezira ahezagira Yehova+ Imana y’ukuri, Umwe ahambaye, abantu bose baca bishura bati: “Amen! Amen+!” badugije amaboko+. Nuko barunama+ bakubita inkoro hasi imbere ya Yehova, mu maso habo hakora hasi+. 7 Yeshuwa na Bani na Sherebiya+ na Yamini na Akubu na Shabetayi na Hodiya na Mayaseya na Kelita na Azariya na Yozabadi+ na Hanane na Pelaya+, egome, Abalewi, bariko basigurira abantu nya tegeko+, mu gihe abantu bari bahagaze+. 8 Babandanya gusoma+ n’ijwi ryumvikana muri nya gitabu, mw’itegeko ry’Imana y’ukuri, rikaza rirasigurwa ryongera ritangirwa insobanuro; babandanya gutuma ukwo gusoma gutegereka+.
9 Nuko Nehemiya+, ari we Buramatari*+, na Ezira+ umuherezi, umwimuzi, n’Abalewi bariko bigisha abantu, babwira abantu bose bati: “Uwu musi ni mweranda kuri Yehova Imana yanyu+. Ntimugandare canke ngo murire+.” Kuko abantu bose bariko barira igihe bariko bumva amajambo ya nya tegeko+. 10 Abandanya kubabwira ati: “Gende murye ibintu binuze, munywe n’ibintu bisosa, kandi murungikire imigabane+ umuntu ata co yateguriwe; kuko uwu musi ari mweranda ku Mukama wacu; ntimubabare, kuko akanyamuneza ka Yehova ari igihome gikomeye canyu.” 11 Abalewi bariko bategeka abantu bose kunuma, bati: “Nimuhore! kuko uwu musi ari mweranda; ntimubabare.” 12 Nuko abantu bose baja kurya no kunywa no kurungikira abandi ibifungurwa+ no kunezerwa rwose+, kuko bari bategereye amajambo bari bamenyeshejwe+.
13 Ku musi ugira kabiri, abakuru ba ba se b’abantu bose, abaherezi be n’Abalewi, bakoranira kuri Ezira umwimuzi, kugira batahure bimwe vyimbitse amajambo y’itegeko+. 14 Maze basanga mw’itegeko handitswe ko Yehova yari yarategetse biciye kuri Musa+ yuko bene Isirayeli bakwiye kuba mu nsago+ mu gihe c’umusi mukuru mu kwezi kugira indwi+, 15 be n’uko bakwiye gutangaza+ no gutera akamo mu bisagara vyabo vyose n’i Yeruzalemu+ hose bati: “Sohoke muje mu karere k’imisozi+, muzane amababi y’imyelayo+ n’amababi y’ibiti vy’amavuta n’amababi y’ibiti vy’imihadasi n’amababi y’ibigazi n’amababi y’ibiti bisagaraye kugira mukore insago, nk’uko vyanditswe.”
16 Nuko abantu barasohoka, barabizana, baraheza biyubakira insago, umwe wese ku gisenge+ ciwe no mu bigo vyabo no mu bigo+ vy’inzu y’Imana y’ukuri no mu kibanza ca bose+ co kw’Irembo ry’Amazi+ no mu kibanza ca bose co kw’Irembo rya Efurayimu+. 17 Gutyo ishengero ryose ry’abari baragarutse bavuye mu bunyagano, bubaka insago maze baba muri zo; kuko bene Isirayeli batari barakoze gutyo kuva mu misi ya Yosuwa mwene Nuni+ gushika uwo musi, ku buryo haba umunezero mwinshi cane+. 18 Basoma n’ijwi ryumvikana mu gitabu c’itegeko ry’Imana y’ukuri ku musi ku musi+, kuva ku musi wa mbere gushika ku musi wa nyuma; bamara imisi indwi bahimbaza umusi mukuru, ku musi ugira umunani na ho haba ikoraniro ry’agakūra, nk’uko ingingo yashinzwe yabivuga+.