Hoseya
8 “Shira inzamba ku munwa+! Hari uwuje nk’inkona+ gutera inzu ya Yehova, kuko bahonyanze isezerano ryanje+, bakarenga kw’itegeko ryanje+. 2 Baguma basemerera bambwira ngo: ‘Ewe Mana yacu, twebwe Isirayeli twarakumenye+.’
3 “Isirayeli yarashibuye iciza+. Umwansi namukurikirane+. 4 Bo ubwabo bashizeho abami+, mugabo bitavuye kuri jewe. Bashizeho abaganwa ntabizi. Bihinguriye ibigirwamana bakoresheje ifeza zabo n’inzahabu zabo+, bikwegera kurandurwa+. 5 Inyana yawe irashibuwe+, ewe Samariya! Ishavu ryanje rirabarurumbiye+. Bazogeza ryari kunanirwa kuba intungane+? 6 Kuko iyo nyana yandurutse kuri Isirayeli+. Umuhinguzi w’utugenegene ni we yayikoze+, kandi iyo nyana si Imana; kuko inyana ya Samariya izocika ubunywenywe+.
7 “Ko baguma babiba umuyaga, bazoshwabura umuyaga w’ikirura+. Nta na kimwe camako intete+. Nta munago n’umwe utanga umwimbu w’ifu+. N’uworamuka uwutanze, ab’ahandi bazowumira miyonzwa+.
8 “Isirayeli ntizobura kumirwa miyonzwa+. Ubu rero bazoba vy’ukuri mu mahanga+, nk’urwavya rudahimbaye+. 9 Kuko baduze i Ashuri+, nk’imparage yigungiye ukwayo+. Nayo Efurayimu, yatanze impera ngo ironke abakunzi+. 10 Vyongeye, naho baguma batanga impera mu mahanga ngo babaronke+, ubu ngira ndabakoranirize hamwe; bazomara akanya gatoyi mu bubabare bukaze+ kubera umuzigo w’umwami n’abaganwa.
11 “Kuko Efurayimu yagwije ibicaniro kugira acumure+. Asigaye afise ibicaniro* kugira acumure+. 12 Namwandikiye ibintu vyinshi vyo mw’itegeko ryanje+; vyafashwe nk’ikintu c’icaduka+. 13 Bwa bimazi vy’ingabirano nshikanirwa, bagumye bashikana inyama+, kandi bagumye barya ibidahimbara Yehova+. Ubu rero azokwibuka ikosa ryabo, agire ico abaza ku bijanye n’ibicumuro vyabo+. Bo basubiye mu Misiri+. 14 Isirayeli yatanguye kwibagira Umuhinguzi wiwe+ no kwubaka insengero+; Yuda na we yagwije ibisagara bikingijwe ibihome+. Emwe, nzorungika umuriro mu bisagara vyiwe, urigate iminara yo kubamwo y’igisagara kimwekimwe cose+.”