ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 6
  • Bibiliya y’isi nshasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

1 Samweli 6:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 4:11; 5:1; Zb 78:61

1 Samweli 6:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 7:11; Lw 19:31; Gus 18:12; Yes 2:6

1 Samweli 6:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 6:4, 17

1 Samweli 6:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba 1Sm 5:6, akajambo k’epfo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 13:3; Abc 3:3; 1Sm 6:16

1 Samweli 6:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 11:29; 1Sm 6:18; Yes 66:17
  • +1Ng 16:28; Zb 18:44; Yes 42:12
  • +Kv 9:3; 1Sm 5:6, 11

1 Samweli 6:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 7:13; 8:15; 14:17; Rm 9:18
  • +Kv 9:14, 16; Rm 9:17
  • +Kv 6:1; 11:1; 12:33; Zb 105:38

1 Samweli 6:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya 21.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 6:3; 1Ng 13:7
  • +Gh 19:2

1 Samweli 6:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 6:4
  • +1Sm 6:3

1 Samweli 6:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 15:10; 21:16; 2Bm 14:11; 1Ng 6:59; 2Ng 28:18
  • +Ums 9:11

1 Samweli 6:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 6:3; 1Ng 13:7

1 Samweli 6:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 6:9
  • +Yos 13:3; Abc 3:3; 1Sm 6:4

1 Samweli 6:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rs 2:2, 23

1 Samweli 6:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 15:9; 1Sm 6:7; 16:2
  • +Kv 20:24; Abc 21:4

1 Samweli 6:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 3:31
  • +Yos 21:16

1 Samweli 6:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 6:12

1 Samweli 6:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 6:4
  • +1Sm 5:1; 2Ng 26:6; Yr 25:20; Zk 9:6; Ivk 8:40
  • +Abc 16:1, 21; Am 1:7; Ivk 8:26
  • +Abc 1:18; Zk 9:5
  • +1Sm 5:8; 17:4; 2Sm 21:22
  • +Yos 13:3; 1Sm 5:10; 2Bm 1:2; Am 1:8

1 Samweli 6:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hari abiyumvira yuko amajambo “abantu ibihumbi mirongo itanu” yongewe mu gisomwa mu nyuma.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 15:10; 21:16; 1Sm 6:9
  • +Gh 4:6, 15, 20; 1Ng 13:10

1 Samweli 6:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 11:45; 1Sm 2:2
  • +Gh 17:12; 2Sm 6:9; 1Ng 13:12; Zb 76:7

1 Samweli 6:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 18:14; Abc 18:12; 1Ng 13:5
  • +1Ng 13:6; 16:1; 2Ng 1:4

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

1 Sam. 6:11Sm 4:11; 5:1; Zb 78:61
1 Sam. 6:2Kv 7:11; Lw 19:31; Gus 18:12; Yes 2:6
1 Sam. 6:31Sm 6:4, 17
1 Sam. 6:4Yos 13:3; Abc 3:3; 1Sm 6:16
1 Sam. 6:5Lw 11:29; 1Sm 6:18; Yes 66:17
1 Sam. 6:51Ng 16:28; Zb 18:44; Yes 42:12
1 Sam. 6:5Kv 9:3; 1Sm 5:6, 11
1 Sam. 6:6Kv 7:13; 8:15; 14:17; Rm 9:18
1 Sam. 6:6Kv 9:14, 16; Rm 9:17
1 Sam. 6:6Kv 6:1; 11:1; 12:33; Zb 105:38
1 Sam. 6:72Sm 6:3; 1Ng 13:7
1 Sam. 6:7Gh 19:2
1 Sam. 6:81Sm 6:4
1 Sam. 6:81Sm 6:3
1 Sam. 6:9Yos 15:10; 21:16; 2Bm 14:11; 1Ng 6:59; 2Ng 28:18
1 Sam. 6:9Ums 9:11
1 Sam. 6:112Sm 6:3; 1Ng 13:7
1 Sam. 6:121Sm 6:9
1 Sam. 6:12Yos 13:3; Abc 3:3; 1Sm 6:4
1 Sam. 6:13Rs 2:2, 23
1 Sam. 6:14It 15:9; 1Sm 6:7; 16:2
1 Sam. 6:14Kv 20:24; Abc 21:4
1 Sam. 6:15Gh 3:31
1 Sam. 6:15Yos 21:16
1 Sam. 6:161Sm 6:12
1 Sam. 6:171Sm 6:4
1 Sam. 6:171Sm 5:1; 2Ng 26:6; Yr 25:20; Zk 9:6; Ivk 8:40
1 Sam. 6:17Abc 16:1, 21; Am 1:7; Ivk 8:26
1 Sam. 6:17Abc 1:18; Zk 9:5
1 Sam. 6:171Sm 5:8; 17:4; 2Sm 21:22
1 Sam. 6:17Yos 13:3; 1Sm 5:10; 2Bm 1:2; Am 1:8
1 Sam. 6:19Yos 15:10; 21:16; 1Sm 6:9
1 Sam. 6:19Gh 4:6, 15, 20; 1Ng 13:10
1 Sam. 6:20Lw 11:45; 1Sm 2:2
1 Sam. 6:20Gh 17:12; 2Sm 6:9; 1Ng 13:12; Zb 76:7
1 Sam. 6:21Yos 18:14; Abc 18:12; 1Ng 13:5
1 Sam. 6:211Ng 13:6; 16:1; 2Ng 1:4
  • Bibiliya y’isi nshasha
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
Bibiliya y’isi nshasha
1 Samweli 6:1-21

1 Samweli

6 Nuko isandugu+ ya Yehova imara amezi indwi mu karere k’Abafilisitiya. 2 Hanyuma Abafilisitiya bahamagara abaherezi n’abaraguzi+, bavuga bati: “Tugenze dute isandugu ya Yehova? Nimutumenyeshe ico dukwiye kuyirungikana ahantu hayo.” 3 Na bo bavuga bati: “Nimwarungika isandugu y’Imana ya Isirayeli, ntimuze muyirungike itari kumwe n’ishikanwa, kuko mukwiye koko gusubiza Imana ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+. Ni ho muzokira, mukamenya igituma ukuboko kwayo kutava kuri mwebwe.” 4 Na bo bavuga bati: “Ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha tubwirizwa kuyisubiza ni nyabaki?” Maze bavuga bati: “Ibivyimba* bitanu bikozwe mu nzahabu be n’imbeba zo mu gahinga zitanu zikozwe mu nzahabu hisunzwe igitigiri c’abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya, kuko umwe wese muri mwebwe n’abatware b’urunani banyu mwashikiwe n’ikiza kimwe. 5 Muhingure ibishusho vy’ibivyimba vyanyu n’ibishusho vy’imbeba zo mu gahinga+ zanyu ziriko ziyogeza igihugu, kandi muninahaze+ Imana ya Isirayeli. Kumbure izokworosha ukuboko kwayo kuve kuri mwebwe no ku mana yanyu no ku gihugu canyu+. 6 Nakare, kubera iki mwokomantaza umutima nk’uko Misiri na Farawo bakomantaje umutima+? Mbega ikimara kubamerera nabi+ si ho baciye babarungika bakigira+? 7 Ubu rero nimukore umukogote mushasha+ hanyuma mufate inka zibiri zonsa, zitagiyeko ingǒgo*+, mwambike nya nka uwo mukogote muheze musubize i muhira inyana zazo zoye kuzikurikira. 8 Mufate nya sandugu ya Yehova, muyishire kuri uwo mukogote, kandi vya bintu bikozwe mu nzahabu+ mubwirizwa gusubiza ku Mana bwa shikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+ mubishire mu gasandugu iruhande ya nya sandugu. Muheze muyirungike igende. 9 Hanyuma murereke: niyadugana inzira ija mu karere kayo, ija i Beti-shemeshi+, Imana ni yo izoba yadukoreye iki kibi gikomeye; mugabo nibitagenda gutyo, tuzoca tumenya yuko ukuboko kwayo atari kwo kwadukozeko; rizoba ari isanganya+ ryadushikiye.”

10 Nuko abo bantu babigenza gutyo. Bafata rero inka zibiri zonsa, bazambika umukogote, inyana zazo na zo bazugaranira i muhira. 11 Maze bashira iyo sandugu ya Yehova kuri nya mukogote+, be na ka gasandugu karimwo za mbeba zo mu gahinga zikozwe mu nzahabu na vya bishusho vy’ibivyimba. 12 Nuko nya nka zitangura kugenda zitumbereye imbere mu nzira ija i Beti-shemeshi+. Zijana inzira y’ikirari imwe, zigenda zirabira, ntizakebereza iburyo canke ibubamfu. Ico gihe, abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya bariko bagendera inyuma yazo, gushika ku rubibe rwa Beti-shemeshi. 13 Abantu b’i Beti-shemeshi bariko bashwabura umwimbu w’ingano+ mu kiyaya co hasi. Bararamuye amaso bakabona nya Sandugu, banezerezwa no kuyibona. 14 Nuko nya mukogote winjira mu murima wa Yosuwa Umunyabeti-shemi, uguma uhagazeho, ahantu hari ibuye rinini. Basatura ibiti vya nya mukogote, maze nya nka+ bazishikanira Yehova bwa shikanwa riturirwa+.

15 Abalewi+ bururutsa rero isandugu ya Yehova na ka gasandugu kari kumwe na yo, akarimwo vya bintu bikozwe mu nzahabu, maze bayishira kuri nya buye rinini. Nuko abantu b’i Beti-shemeshi+ bashikana amashikanwa aturirwa, babandanya guhereza Yehova ibimazi kuri uwo musi.

16 Ba batware b’urunani+ b’Abafilisitiya barabibona hanyuma basubira i Ekuroni kuri uwo musi. 17 Ibi rero ni vyo bivyimba bikozwe mu nzahabu Abafilisitiya basubije Yehova bwa shikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+: ku bwa Ashidodi+ kimwe, ku bwa Gaza+ kimwe, ku bwa Ashikeloni+ kimwe, ku bwa Gati+ kimwe, ku bwa Ekuroni+ kimwe. 18 Kandi nya mbeba zo mu gahinga zikozwe mu nzahabu zari zihwanye n’igitigiri c’ibisagara vyose vy’Abafilisitiya vyegukira ba batware b’urunani batanu, kuva ku gisagara gikingijwe ibihome gushika ku kigwati co mu gihugu hagati.

Kandi rya buye rinini bateretseko isandugu ya Yehova ni icabona gushika n’uyu musi mu murima wa Yosuwa Umunyabeti-shemi. 19 Nuko atangura kwica abantu b’i Beti-shemeshi+, kubera bari baravye isandugu ya Yehova. Muri bo yicamwo abantu mirongo irindwi​—⁠abantu ibihumbi mirongo itanu*⁠—​maze abantu batangura kuboroga kuko Yehova yari yatsinze hasi abantu agasasika inganda bimwe bikomeye+. 20 Vyongeye, abantu b’i Beti-shemeshi bavuga bati: “Ni nde azoshobora guhagarara imbere ya Yehova iyo Mana nyeranda+, kandi ino izova muri twebwe ije kwa nde+?” 21 Amaherezo batuma intumwa ku baba i Kiriyati-yeyarimu+, bati: “Abafilisitiya bagarukanye isandugu ya Yehova. Nimumanuke, muyidugane iwanyu+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika