Zaburi
Ni izaburi ya Dawidi.
144 Hahezagirwe Yehova we Gitandara canje+,
Uwigisha amaboko yanje kurwana+,
Akigisha intoke zanje intambara;
2 Ni we buntu bwuzuye urukundo bwanje n’igihome canje gikomeye+,
Ahantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi akaba n’uwunkiza+,
Inkinzo yanje+ akaba n’uwo nahungiyemwo+,
Umwe amara igabo ibisata vy’abantu munsi yanje+.
7 Tuma amaboko yawe uri iyo hejuru+;
Numbohore, undokore muri ya mazi menshi+,
Mu kuboko kw’abanyamahanga+,
8 Abo akanwa kabo kavuze ivy’ububeshi+,
Ukuryo kwabo na kwo kukaba ari ukuryo kw’ikinyoma+.
9 Ewe Mana, nzokuririmbira ururirimbo rushasha+.
Ku gicurarangisho c’imirya cumi, nzoguhibongoreza+,
Umwe aha Dawidi umusavyi wiwe kwidegemvya akamukiza inkota ikora inabi+.
11 Numpe kwidegemvya, undokore mu kuboko kw’abanyamahanga+,
Abo akanwa kabo kavuze ivy’ububeshi+,
Ukuryo kwabo na kwo kukaba ari ukuryo kw’ikinyoma+,
12 Bakavuga bati: “Abahungu bacu ni nk’uduterwa dutoduto twakuze mu buto bwatwo+,
Abakobwa bacu na bo nk’imfuruka zibajwe kurya bashariza ikirimba,
13 Ubushinguro bwacu bukaba bwuzuye, bukagenda buratanga ibintu vy’ubwoko butandukanye+,
Imikuku yacu ikongerekana, umwumwe ukigwiza ibihumbi, ibihumbi cumi, mu mabarabara yacu,
14 Inka zacu zikaba ziremerewe, ata kumena canke kuramburura+,
Kandi ata maborogo mu bibanza vyacu vya bose+.