Amosi
7 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova yanyeretse: ehe yariko aremarema irumbu ry’inzige, ivyabibwe mu nyuma bigitangura kunaga+. Kandi, ehe vyari ivyabibwe mu nyuma y’itemwa ry’ivyatsi vy’umwami. 2 Maze iryo rumbu rirangije kurigata ibimera vyo mu gihugu, nca mvuga nti: “Ewe Mukama Segaba Yehova, ndakwinginze ubababarire+. Ni nde azohaguruka mu ba Yakobo? Ko ari mutoya+!”
3 Yehova aricuza ku bijanye n’ico kintu+. Yehova avuga ati: “Ntibizoba.”
4 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova yanyeretse: ehe Umukama Segaba Yehova yariko ahamagara amahane biciye ku muriro+; nya muriro urigata inyenga y’amazi nini amahanga, urigata n’igice c’itongo. 5 Nanje ndaheza mvuga nti: “Ewe Mukama Segaba Yehova, ndakwinginze ubangire+. Ni nde azohaguruka mu ba Yakobo? Ko ari mutoya+!”
6 Yehova aricuza ku bijanye n’ico kintu+. Umukama Segaba Yehova avuga ati: “Eka n’ivyo ntibizoba.”
7 Ibi ni vyo yanyeretse: ehe Yehova yari ahagaze ku ruhome rwubatswe hakoreshejwe karisho*+, kandi karisho yari mu kuboko kwiwe. 8 Maze Yehova ambaza ati: “Ubona iki ga Amosi?” Nanje nti: “Karisho.” Hanyuma Yehova avuga ati: “Ehe ngira nshire karisho hagati mu bantu banje Isirayeli+. Sinzogenda nsubiye kubababarira+. 9 Emwe, ibibanza bikirurutse vya Izahaki+ bizogirwa umusaka, ibibanza vyeranda+ vya Isirayeli na vyo bitikizwe+; kandi nzohagurukira inzu ya Yerobowamu nkoresheje inkota+.”
10 Hanyuma Amaziya umuherezi w’i Beteli+ atuma kuri Yerobowamu+ umwami wa Isirayeli, ati: “Amosi yakugīriye umugambi mubi hagati nyene mu nzu ya Isirayeli+. Igihugu ntigishobora kwihanganira amajambo yiwe yose+. 11 Kuko Amosi avuga ngo: ‘Yerobowamu azokwicishwa inkota; nayo Isirayeli, ntizobura kuja mu bunyagano ikava ku butaka bwayo+.’”
12 Nuko Amaziya abwira Amosi ati: “Ewe mubonyi+, genda, hunga uje mu gihugu ca Yuda, abe ari ho urira umukate, kandi abe ari ho uvugira ubuhanuzi. 13 Ariko i Beteli ntiwongere kuhavugira icitwa ubuhanuzi+, kuko ari co kibanza ceranda c’umwami+, kikaba n’inzu y’ubwami.”
14 Maze Amosi yishura Amaziya ati: “Jewe sinari umuhanuzi, canke ngo mbe umwana w’umuhanuzi+; ahubwo nari umwungere+, nkaba n’umurasazi w’insukoni z’ibiti vy’imisukomora. 15 Maze Yehova ankura inyuma y’umukuku, hanyuma Yehova ambwira ati: ‘Genda, ubwire ubuhanuzi abantu banje Isirayeli+.’ 16 Niwumve rero ijambo rya Yehova: ‘Mbega uvuga ngo: “Ntukavuge ubuhanuzi bucira urubanza Isirayeli+, kandi ntihagire ijambo ukerutsa+ ricira urubanza inzu ya Izahaki”? 17 Ibi rero ni vyo Yehova avuze: “Umugore wawe azocika umumaraya mu gisagara+. Abahungu bawe n’abakobwa bawe bazogwishwa n’inkota. Nayo ubutaka bwawe, buzogabuzwa umugozi wo gupimisha. Nawe ubwawe, uzopfira ku butaka buhumanye+; Isirayeli na yo, ntizobura kuja mu bunyagano ikava ku butaka bwayo+.”’”