Ivyakozwe
11 Buno intumwa na bene wacu bari i Yudaya bumva yuko abanyamahanga+ na bo nyene bari bakiriye ijambo ry’Imana. 2 Nuko aho Petero adugiye i Yeruzalemu, abaharanira ivy’ukugenyerwa+ batangura kuja impaka na we, 3 bavuga yuko yari yagiye mu nzu y’abantu batagenyerewe kandi agasangira na bo. 4 Petero aca ajako, abibasigurira ido n’ido, ati:
5 “Nari mu gisagara ca Yopa nsenga, maze mbaye nk’uwutwawe n’indoto, nerekwa ikintu c’igitebo kimanuka nk’uruhuzu rw’ilino runini rwururukirizwa ku masonga yarwo ane ruvuye mw’ijuru, hanyuma kiranshikira. 6 Nitegereje muri co, ndihweza, mbona ibiremwa vy’amaguru ane vyo kw’isi n’ibikoko n’ibikwega inda hasi n’inyoni zo mu kirere+. 7 Numva kandi ijwi rimbwira riti: ‘Haguruka Petero, ubage, urye+!’ 8 Mugabo ndavuga nti: ‘Oya Mukama, kuko ikintu gihumanye canke canduye kitigeze kingera mu kanwa+.’ 9 Ubugira kabiri nya jwi rivuye mw’ijuru ririshura riti: ‘Wewe reka kwita ibihumanye ivyo Imana yahumanuye+.’ 10 Ivyo biba ubugira gatatu, hanyuma vyose vyongera gukwegwa biduzwa mw’ijuru+. 11 Vyongeye, ehe muri ako kanya hari abagabo batatu bahagaze imbere y’inzu twarimwo, bakaba bari batumwe kuri jewe bavuye i Sezariya+. 12 Nuko impwemu+ imbwira kujana na bo, ata gukekeranya na gato. Mugabo aba bene wacu batandatu na bo nyene twarajanye, twinjira mu nzu ya nya mugabo+.
13 “Atwiganira ingene yabonye umumarayika ahagarara mu nzu yiwe akavuga ati: ‘Rungika abantu i Yopa utumeko Simoni batazira Petero+, 14 na we azokubwira ivyo bintu, ari vyo vyotuma wewe n’abo mu nzu yawe bose mukizwa+.’ 15 Mugabo aho ntanguriye kuvuga, impwemu nyeranda iza kuri bo nk’uko na twebwe yatujeko mu ntango+. 16 Kuri ivyo nca nibuka ijambo ry’Umukama, ingene yahora avuga ati: ‘Yohani we yabatirisha amazi+, mugabo mwebwe muzobatizwa mu mpwemu nyeranda+.’ 17 Nimba rero Imana yabahaye ingabirano ya gusa nk’imwe nyene yaduha twebwe abemeye Umukama Yezu Kristu+, jewe nari nde ngo mbuze Imana+?”
18 Aho bumviye ivyo bintu, bavyemera ukwo+, baca baninahaza Imana+, bati: “Noneho rero Imana yahaye n’abanyamahanga ukwigaya kugira baronke ubuzima+.”
19 Nuko rero abari barasanzajwe+ n’amakuba yari yavyutse ku vya Sitefano baragenda, bashika i Fenisiya+ n’i Shipure+ n’i Antiyokiya, mugabo ata wundi babwira rya jambo kiretse Abayuda gusa+. 20 Ariko muri bo harimwo abagabo bamwe b’i Shipure n’i Sireni baje i Antiyokiya, hanyuma batangura kuganiriza abavuga ikigiriki+, bamenyesha inkuru nziza y’Umukama Yezu+. 21 Ikigeretseko, ukuboko kwa Yehova+ kwari kumwe na bo, kandi igitigiri kinini c’ababaye abemera bahindukirira Umukama+.
22 Inkuru iberekeye ishika mu matwi y’ishengero ryari i Yeruzalemu, baca barungika Barunaba+ aragenda gushika i Antiyokiya. 23 Aho ashikiye akabona ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana, aranezerwa+ aca atangura kubaremesha bose kubandanya mu Mukama babishizeko umutima+; 24 kuko yari umuntu mwiza kandi yuzuye impwemu nyeranda n’ukwizera. Isinzi ritari rito rirongerwa ku Mukama+. 25 Nuko aja i Taruso+ kurondera hose Sauli+, 26 hanyuma amaze kumutora, amuzana i Antiyokiya. Maze bamara umwaka wose bakoranira hamwe na bo mw’ishengero bongera bigisha isinzi ritari rito, kandi i Antiyokiya ni ho abigishwa batanguriye kwitwa abakirisu bivuye ku Mana+.
27 Muri iyo misi abahanuzi+ baramanuka bava i Yeruzalemu baja i Antiyokiya. 28 Umwe muri bo yitwa Agabo+ arahaguruka, hanyuma yerekana biciye ku mpwemu yuko ikigoyi gikomeye cari kigiye gutera kw’isi yose+; kandi nkako carabaye mu gihe ca Kolode. 29 Nuko rero abo mu bigishwa, umwe wese nk’uko ashoboye+, biyemeza kurungika imfashanyo yo gutabara+ abavukanyi baba i Yudaya; 30 kandi ivyo barabikoze, bayirungika ku bagabo b’inararibonye biciye ku kuboko kwa Barunaba na Sauli+.