Umusiguzi
7 Izina ryiza riraruta amavuta meza+, n’umusi w’ugupfa uraruta umusi w’ukuvuka+. 2 Kuja ku nzu y’ikigandaro biraruta kuja ku nzu y’inzimano+, kuko iryo ari ryo herezo ry’abantu bose; kandi umuzima akwiye kubishira ku mutima. 3 Umwikomo uraruta agatwengo+, kuko biciye ku kwiraburanirwa mu maso ari ho umutima urushiriza kuba mwiza+. 4 Umutima w’abantu b’inkerebutsi uri mu nzu y’ikigandaro+, mugabo umutima w’ibijuju uri mu nzu y’umunezero+.
5 Kwumva uguhambarirwa n’umuntu w’inkerebutsi+ biraruta kuba uwumva ururirimbo rw’ibijuju+. 6 Kuko nka kurya kw’urwamo rw’amahwa munsi y’inkono, ni ko agatwengo k’ikijuju+ kameze; kandi ivyo na vyo nyene ni ubusa. 7 Kuko agahahazo gashobora gutuma umuntu w’inkerebutsi akora nk’umusazi+, n’ingabirano+ irashobora kwica umutima+.
8 Iherezo ry’ikintu mu nyuma, riraruta intango yaco+. Uwihangana araruta uw’umutima wibona+. 9 Ntiwihute kubabara mu mutima wawe+, kuko ukubabara ari kwo gucumbitse mu gikiriza c’ibijuju+.
10 Ntuvuge ngo: “Kubera iki imisi ya kera yabaye myiza kuruta iyi+?”, kuko ivyo utoba ubibajije bivuye ku bukerebutsi+.
11 Ubukerebutsi buri kumwe n’intoranwa ni bwiza, kandi ni ubw’akarusho ku babona izuba+. 12 Kuko ubukerebutsi bukingira+ umuntu nk’uko amahera akingira umuntu+; mugabo akarusho k’ubumenyi ni uko ubukerebutsi buzigamira ubuzima benebwo+.
13 Nubone igikorwa+ c’Imana y’ukuri; kuko, ni nde ashobora kugorora ico yahetaritse+? 14 Ku musi mwiza nube umuntu ameze neza+, ku musi w’ivyago na ho ubone yuko Imana y’ukuri bino yabikoze neza na neza nk’ivyo bindi+, kugira ngo abantu ntibubure ikintu na kimwe mu nyuma zabo+.
15 Vyose narabibonye mu misi yanje y’ubusa+. Hari umugororotsi apfira mu bugororotsi bwiwe+, hakaba n’umubisha arambira mu bubi bwiwe+.
16 Ntube umugororotsi birenze urugero+, eka ntiwiyerekane ko uri inkerebutsi bikabije+. Kubera iki wokwikwegera ubugesera+? 17 Ntube umubisha birenze urugero+, eka ntucike igipfu+. Kubera iki wopfa kandi atari igihe cawe+? 18 Vyiza ni uko wofata kimwe, mugabo n’ico kindi ntugikureko ukuboko kwawe+; kuko uwutinya Imana azobijana vyose+.
19 Ubukerebutsi burakomeye ku muntu w’inkerebutsi kurusha abantu cumi b’ububasha babayeho mu gisagara+. 20 Kuko ata muntu w’umugororotsi ariho mw’isi aguma akora ivyiza ntacumure+.
21 Vyongeye, ntushire umutima wawe ku majambo yose abantu bovuga+, ntuhave wumva umusuku wawe aguhamagarirako akabi+. 22 Kuko umutima wawe uzi neza yuko incuro nyinshi na wewe nyene wahamagariye akabi ku bandi+.
23 Ivyo vyose narabigejeje nkoresheje ubukerebutsi. Navuze nti: “Nzocika inkerebutsi.” Mugabo bwari kure yanje+. 24 Icabayeho kiri kure, kandi kirimbitse bihebuje. Ni nde yocubura+? 25 Jewe narahindukiye, mbere n’umutima wanje ugira kuno+, kugira ngo menye, ngendure kandi ndondere ubukerebutsi+ be n’imvo y’ibintu+, no kugira ngo menye ivyerekeye ububisha bw’ubujuju be n’ubupfu bw’ubusazi+; 26 ndaheza nubura ibi: Nasanze ikirura kuruta urupfu+ ari umugore ameze nk’insenga z’uruhigi, umutima wiwe ukaba insenga z’umukwabu, amaboko yiwe na yo akaba amapingu+. Umuntu aba mwiza imbere y’Imana y’ukuri iyo amukize, mugabo umuntu aracumura iyo acakiwe na we+.
27 “Raba! Ivyo narabitoye,” ni ko umukoranyashengero+ yavuze, “mu gufata ikintu kimwe inyuma y’ikindi, ngo menye incamake+, 28 ari yo umutima wanje wagumye urondera, mugabo sinayitoye. Narabonye umugabo umwe mu gihumbi+, ariko nta mugore nabonye muri abo bose+. 29 Raba! Ibi vyonyene ni vyo nabonye, yuko Imana y’ukuri abantu yabakoze bagororotse+, mugabo bo birondereye imigambi myinshi+.”