Zaburi
Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi.
2 Kuko, ehe ababisha ubwabo bafoye umuheto+,
Bategura umwampi wabo ku ruvuto,
Kugira barasire mu muzimagiza ab’umutima ugororotse+.
4 Yehova ari mu rusengero rwiwe rweranda+.
Yehova—mu majuru ni ho intebe yiwe y’ubwami iri+.
Amaso yiwe aritegereza, amaso aca ibibatsi yiwe arasuzuma+ abana b’abantu.
5 Yehova ubwiwe asuzuma umugororotsi kimwe n’umubisha+,
Kandi uwo wese akunda ubukazi umutima wiwe uramwanka koko+.