2 Abami
18 Nuko mu mwaka ugira gatatu wa Hosheya+ mwene Ela umwami wa Isirayeli, Hezekiya+ mwene Ahazi+ umwami wa Yuda aba umwami. 2 Yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka mirongo ibiri n’icenda aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Abi umukobwa wa Zekariya+. 3 Abandanya gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+, yisunze ivyo Dawidi sekuruza yari yarakoze vyose+. 4 Ni we yakuyeho ibibanza bikirurutse+, akamenagura za nkingi nyeranda+, agatema ca gikingi ceranda+ akongera akajanjagura ya nzoka y’umujumpu+ Musa yari yarahinguye+; kuko gushika muri iyo misi bene Isirayeli bari bakibandanya kuyifumbishiriza umwotsi w’ibimazi+; yitwa inzoka y’ikigirwamana y’umujumpu+. 5 Yizigira Yehova Imana ya Isirayeli+; kandi mu nyuma ziwe nta n’umwe yabaye nka we mu bami ba Yuda bose+, mbere no mu bari baramwitangiye imbere+. 6 Nuko aguma yumiye kuri Yehova+. Ntiyakevya ngo areke kumukurikira, mugabo abandanya kugumya amabwirizwa yiwe, ayo Yehova yari yarategetse Musa+. 7 Kandi Yehova yari kumwe na we+. Aho yaja hose, yakorana ukwigengesera+; nuko agarariza umwami wa Ashuri, ntiyamukorera+. 8 Ni we yasasitse Abafilisitiya+ gushika i Gaza+ n’uturere twaho, kuva ku munara+ w’inderetsi gushika ku gisagara gikingijwe ibihome.
9 Mu mwaka ugira kane w’Umwami Hezekiya, ni ukuvuga umwaka ugira indwi wa Hosheya+ mwene Ela umwami wa Isirayeli, Shalumaneseri+ umwami wa Ashuri aduga gutera Samariya maze arahasugereza+. 10 Bahafata+ haheze imyaka itatu; mu mwaka ugira gatandatu wa Hezekiya, ni ukuvuga umwaka ugira icenda wa Hosheya umwami wa Isirayeli, Samariya irafatwa+. 11 Inyuma y’ivyo, umwami wa Ashuri+ ajana Isirayeli mu bunyagano+ i Ashuri hanyuma abashira i Hala+ n’i Habori+, iruhande y’uruzi Gozani no mu bisagara vy’Abamedi+, 12 kubera yuko batari barumvirije+ ijwi rya Yehova Imana yabo, mugabo bakaguma bahonyanga isezerano ryiwe+, egome, ivyo Musa+ umusavyi wa Yehova yari yarategetse vyose+. Ntibumviriza canke ngo bashitse.
13 Mu mwaka ugira cumi na kane w’Umwami Hezekiya, Senakeribu+ umwami wa Ashuri+ aduga gutera ibisagara vyose vya Yuda bikingijwe ibihome, arabifata. 14 Hezekiya umwami wa Yuda atuma rero ku mwami wa Ashuri i Lakishi ati: “Naracumuye. Hindukira ureke kuntera. Ico untegeka cose nzogikora+.” Nuko umwami wa Ashuri yaka Hezekiya umwami wa Yuda italanto+ amajana atatu z’ifeza n’italanto mirongo itatu z’inzahabu. 15 Hezekiya atanga rero ifeza zose zari mu nzu ya Yehova+ no mu matunga y’inzu y’umwami+. 16 Ico gihe Hezekiya akurako imiryango y’urusengero rwa Yehova+ n’ibishimaryango yari yarahometseko+ inzahabu araheza abiha umwami wa Ashuri.
17 Maze umwami wa Ashuri+ arungika Tarutani+ na Rabusarisi na Rabushake+, bava i Lakishi+, baja ku Mwami Hezekiya i Yeruzalemu bari kumwe n’inteko za gisirikare nyinshi, kugira ngo baduge bashike i Yeruzalemu. Baraduga rero, barashika maze bahagarara iruhande y’umugende+ w’ikidengeri co haruguru+, uwuri ku nzira y’ikirari y’itongo ry’umumesuzi+. 18 Nuko batangura gusemerera bahamagara umwami, mugabo Eliyakimu+ mwene Hilikiya, uwagaba urugo, na Shebuna+ umunyamabanga na Yowa mwene Asafu umukarani, baba ari bo basohoka baza aho bari.
19 Rabushake+ ababwira rero ati: “Ndabinginze mubwire Hezekiya muti: ‘Ibi ni vyo umwami ahambaye+, umwami wa Ashuri, avuze: “Ico cizigiro wizigiye ni nyabaki+? 20 Wavuze (mugabo ni akarimi gusa) uti: ‘Ndafise impanuro+ n’inkomezi ku bw’intambara.’ None wizigiye nde, aho wangararije+? 21 Umva rero: wizigiye gushigikirwa n’iryo renga+ rijanjaguwe, ari ryo Misiri+, iryo umuntu aramutse aryishimikije, ryokwinjira koko mu kiganza ciwe, rikagitobekeranya. Ukwo ni ko Farawo+ umwami wa Misiri ameze ku bamwizigira bose. 22 Nimwambwira ngo: ‘Yehova+ Imana yacu ni we twizigiye+,’ mbega si we nyen’ibibanza bikirurutse+ na nyen’ibicaniro Hezekiya+ yakuyeho, akabwira Yuda na Yeruzalemu ati: ‘Imbere y’iki gicaniro ni ho muzokwunama, i Yeruzalemu+’?”’ 23 None rero ndakwinginze, utsibe+ n’umukama wanje umwami wa Ashuri; reka nguhe amafarasi ibihumbi bibiri turabe ko woshobora kuyashirako abayagenderako+. 24 None wewe woshobora gute gusubiza inyuma buramatari umwe gusa wo mu basuku b’umukama wanje+ bo hanyuma y’abandi, kandi wizigira Misiri kubera imikogote+ no kubera abagendera ku mafarasi+? 25 Ugira ngo naduze gutera aha hantu kugira ngo ndahahonye ata ruhusha ruvuye kuri Yehova mfise? Yehova ubwiwe yambwiye+ ati: ‘Duga utere ico gihugu, ugihonye.’”
26 Eliyakimu+ mwene Hilikiya, na Shebuna+ na Yowa+ baca babwira Rabushake+ bati: “Turakwinginze uvugane n’abasuku bawe mu rurimi rw’igisiriya+, turumva; ntuvugane natwe mu rurimi rw’Abayuda+ mu matwi y’abantu bari ku ruhome.” 27 Mugabo Rabushake ababwira ati: “Mbega umukama wawe na wewe ni bo umukama wanje yantumyeko kubwira ayo majambo? None ntiyantumye kuri abo bagabo bicaye ku ruhome, kugira barye umwanda wabo mukuru+, banywe n’umwanda wabo mutoyi hamwe namwe+?”
28 Rabushake aguma ahagaze yongera asemerera n’ijwi rirenga mu rurimi rw’Abayuda+; nuko abandanya kuvuga ati: “Nimwumve ijambo ry’umwami ahambaye+, umwami wa Ashuri. 29 Ibi ni vyo umwami avuze: ‘Hezekiya ntabahende, kuko adashobora kubarokora mu kuboko kwanje+. 30 Kandi Hezekiya ntatume mwizigira Yehova+, mu kuvuga ngo: “Yehova ntazobura kuturokora+, kandi iki gisagara ntikizotangwa mu kuboko kw’umwami wa Ashuri+.” 31 Ntimwumvirize Hezekiya; kuko umwami wa Ashuri avuze ati: “Nimwiyoroshe imbere yanje, musohoke muze aho ndi, maze umwe wese arye ku muzabibu wiwe kandi umwe wese arye ku giti c’umusukoni+ ciwe kandi umwe wese anywe amazi yo mw’itangi+ ryiwe, 32 gushika nje nkabatwara koko mu gihugu kimeze nk’igihugu canyu+, igihugu c’intete n’umuvinyu mushasha, igihugu c’umukate+ n’imirima y’imizabibu+, igihugu c’ibiti vy’imyelayo vy’amavuta n’igihugu c’ubuki+; mubone kubandanya kubaho, ntimupfe. Ntimwumvirize Hezekiya, kuko abahendahenda ngo: ‘Yehova ubwiwe azoturokora+.’ 33 Mbega imwimwe yose mu mana z’amahanga, yoba yarigeze kurokora+ igihugu cayo mu kuboko kw’umwami wa Ashuri+? 34 Imana za Hamati+ na Arupadi+ ziri hehe? Imana za Sefaruvayimu+ na Hena+ na Iva+ ziri hehe? Zoba zararokoye Samariya mu kuboko kwanje+? 35 Mu mana zose z’ibihugu, ni izihe zarokoye ibihugu vyazo mu kuboko kwanje+, ku buryo Yehova yorokora Yeruzalemu mu kuboko kwanje+?”’”
36 Abantu baguma bacereje+, ntihagira ijambo bamwishura+, kuko umwami yari yategetse ati: “Ntimumwishure+.” 37 Mugabo Eliyakimu+ mwene Hilikiya, uwagaba urugo, na Shebuna+ umunyamabanga, na Yowa+ mwene Asafu umukarani, baza aho Hezekiya ari batantamuye impuzu zabo+ baraheza bamwiganira amajambo ya Rabushake.