1 Yohani
3 Raba urukundo+ Data yaduhaye urwo ari rwo, ku buryo twitwa abana b’Imana+; kandi ni ko turi. Ni co gituma isi+ itatuzi, kuko itamumenye+. 2 Bakundwa, ubu turi abana b’Imana+, mugabo ubu ico tuzoba ntikirerekanwa+. Ico tuzi ni uko aho azokwerekanirwa+ hose tuzomera nka we+, kuko tuzomubona nk’uko ari+. 3 Kandi umuntu wese afise ico cizigiro gishimikiye kuri we, arityorora+ nk’uko urya na we atyoroye+.
4 Umuntu wese agendera mu gicumuro+ aba kandi ariko agendera mu bugarariji+, kandi rero igicumuro+ ni ubugarariji. 5 Murazi kandi yuko urya yerekanywe kugira ngo akureho ibicumuro vyacu+, kandi nta gicumuro+ kiri muri we. 6 Umuntu wese aguma yunze ubumwe+ na we ntaza aracumura+; nta wuza aracumura n’umwe yamubonye canke yamumenye+. 7 Bana bato, ntihagire n’umwe abazimiza; uwushishikara ubugororotsi ni umugororotsi, nk’uko urya na we ari umugororotsi+. 8 Uwushishikara igicumuro akomoka kuri Shetani*, kuko uwo Shetani yamye acumura guhera mu ntango+. Iki ni co catumye Umwana w’Imana yerekanwa+: ni ukugira ngo asambure ibikorwa vya Shetani+.
9 Umuntu wese yavutse ku Mana ntashishikara igicumuro+, kuko urubuto rurondoka rwayo ruguma muri mwene uyo, kandi ntashobora kuza aracumura, kuko yavutse ku Mana+. 10 Abana b’Imana be n’abana ba Shetani babonekera kuri iki kintu: Umuntu wese adashishikara ubugororotsi+ ntakomoka ku Mana, eka n’uwudakunda mwene wabo ni ukwo+. 11 Kuko ubu ari bwo butumwa mwumvise guhera mu ntango+: yuko dukwiye gukundana+; 12 atari nka Kayini, uwakomoka kuri wa mubisha akica+ mwene wabo. Kandi yamwishe kubera iki? Kubera ko ibikorwa vyiwe vyari bibi+, mugabo ivya mwene wabo bikaba vyari bigororotse+.
13 Ntimutangazwe, bene wacu, n’uko isi ibanka+. 14 Turazi ko twavuye mu rupfu tukaja mu buzima+, kuko dukunda bene wacu+. Uwudakunda mwene wabo, aguma mu rupfu+. 15 Umuntu wese yanka+ mwene wabo ni umwicanyi+, kandi murazi yuko ata mwicanyi+ afise ubuzima budahera buguma muri we+. 16 Iki ni co twamenyeyeko urukundo+, kuko urya yatwiguze+; natwe tubwirizwa kwigura bene wacu+. 17 Mugabo uwo wese afise uburyo bwo kwibeshaho bwo muri iyi si+ akabona mwene wabo ari mu mukeno+ yamara akamwugarirako impuhwe ziwe z’ikibabarwe+, mbega urukundo rw’Imana ruguma muri we gute+? 18 Bana bato, dukundane+, atari mu majambo canke ku karimi+, ahubwo mu bikorwa+ no mu kuri+.
19 Ico ni co tuzomenyerako yuko dukomoka ku kuri+, kandi tuzokura amazinda imitima yacu imbere yayo 20 ku kintu cose imitima yacu yodutsindishamwo+, kuko Imana iruta imitima yacu ikaba kandi izi ibintu vyose+. 21 Bakundwa, nimba imitima yacu itadutsindisha, turafise umwidegemvyo wo kuvuga imbere y’Imana+; 22 kandi ikintu cose dusaba irakiduha+, kuko twubahiriza amabwirizwa yayo kandi tugakora ibintu bihimbaye mu maso yayo+. 23 Egome, iri ni ryo bwirizwa ryayo: ni uko twizera izina ry’Umwana wayo Yezu Kristu+ kandi tugakundana+, nk’uko yabidutegetse. 24 Vyongeye, uwubahiriza amabwirizwa yayo aguma yunze ubumwe na yo, na yo ikaguma yunze ubumwe n’uyo+; kandi ico ni co tumenyerako yuko iguma yunze ubumwe natwe+, bivuye ku mpwemu+ yaduhaye.