Yohani
13 Yezu rero, kubera ko yari azi imbere y’umusi mukuru wa pasika yuko isaha yiwe yari igeze+ y’uko ava muri iyi si akaja kwa Se+, kubera yari yarakunze abiwe bari mw’isi+, yarabakunze gushika kw’iherezo. 2 Bakibandanya kwihereza imfungurwa zo ku mugoroba, Shetani* akaba yari amaze gushira mu mutima wa Yuda Isikariyoti+, mwene Simoni, ivyo kumugura+, 3 we, kubera yari azi ko Se yari yashize ibintu vyose mu maboko+ yiwe be n’uko yaje avuye ku Mana akaba kandi yariko aja ku Mana+, 4 arahaguruka bari kuri nya mfungurwa, arambika hambavu impuzu ziwe zo hejuru. Hanyuma atora igitambara, arakenyera+. 5 Ashira amazi mw’ibesani, atangura kwoza ibirenge+ vy’abigishwa no kuvyumutsa akoresheje nya gitambara yari akenyeje. 6 Nuko ashikira Simoni Petero. Uno amubwira ati: “Mukama, unyoze ibirenge+?” 7 Yezu amwishura ati: “Ico ndiko ndakora ntugitegera ubu, mugabo uzotegera inyuma y’ibi bintu+.” 8 Petero amubwira ati: “Oya ntuzogenda unyogeje ibirenge.” Yezu amwishura ati: “Ntakwogeje+, nta co uzoba usangiye nanje.” 9 Simoni Petero amubwira ati: “Mukama, ntibibe ibirenge vyanje gusa ahubwo n’amaboko be n’umutwe.” 10 Yezu amubwira ati: “Uwiyuhagiye+ nta kindi aba akeneye kwozwa atari ibirenge, mugabo aba atyoroye wese. Kandi mwebwe muratyoroye, ariko si mwese.” 11 Yari azi umuntu yagira amugure+. Ni co catumye avuga ati: “Si mwese mutyoroye.”
12 Aho amariye kuboza ibirenge no kwambara impuzu yiwe yo hejuru akongera kwicara ku meza, ababwira ati: “Murazi ico ndabagiriye? 13 Mwebwe munyita ‘Mwigisha+’ na ‘Mukama+,’ kandi muvuga vyo, kuko ari ko ndi+. 14 Nimba rero jewe, naho ndi Umukama n’Umwigisha, ndabogeje ibirenge+, na mwebwe mubwirizwa kwozanya ibirenge+. 15 Kuko ndabahaye icitegererezo, kugira ngo nk’uko ndabagiriye, abe ari ko namwe mugiriranira+. 16 Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Umushumba ntaruta shebuja, eka n’uwatumwe ntaruta uwamurungitse+. 17 Nimba muzi ivyo bintu, muzoba muhiriwe mubikoze+. 18 Sindiko mvuga mwebwe mwese; ndazi abo natoye+. Mugabo ni ukugira ngo Icanditswe kiranguke+, ngo: ‘Uwahora arya ku mukate wanje ambanguriye igitsintsiri+.’ 19 Guhera kano kanya ndabibabwiye bitaraba+, kugira ngo nivyashika koko mwemere yuko ndi we. 20 Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Uwakiriye uwo ndungitse wese na jewe aba anyakiriye+. Uwunyakiriye na we, aba yakiriye n’uwandungitse+.”
21 Yezu amaze kuvuga ivyo, abura amahoro mu mutima, ashinga intahe, ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Umwe muri mwebwe arangura+.” 22 Abigishwa batangura kurabana, bazazaniwe bibaza uwo yariko abivugako uwo ari we+. 23 Imbere y’igikiriza ca Yezu hari hicaye umwe mu bigishwa biwe, kandi Yezu yaramukunda+. 24 Simoni Petero rero agirira uyo ikimenyetso n’umutwe, amubwira ati: “Tubwire uwo ariko abivugako.” 25 Nuko uno yegamira igikiriza ca Yezu, amubwira ati: “Mukama, ni nde+?” 26 Yezu rero yishura ati: “Ni uwo nza guha ikimanyu ndumvye+.” Nuko rero, amaze kudumba nya kimanyu, aragifata agiha Yuda, mwene Simoni Isikariyoti. 27 Yuda amaze kwakira ico kimanyu, Shetani aca amwinjiramwo+. Yezu rero amubwira ati: “Ico uriko urakora gikore ningoga.” 28 Ariko nta n’umwe mu bari ku meza yamenye igituma amubwiye ivyo. 29 Nkako, kubera ko Yuda ari we yari afise isandugu y’amahera+, bamwe bariko biyumvira ko Yezu yariko amubwira ati: “Gura ivyo dukeneye ku bw’umusi mukuru,” canke yuko akwiye kugira ico ahaye aboro+. 30 Amaze kwakira ca kimanyu rero, buno nyene arasohoka. Kandi hari mw’ijoro+.
31 Amaze gusohoka rero, Yezu avuga ati: “Ubu rero Umwana w’umuntu araninahajwe+, kandi Imana iraninahajwe ku bijanye na we. 32 Kandi Imana ubwayo izomuninahaza+, kandi izomuninahaza bidatevye. 33 Bana bato+, ndacari kumwe namwe kandi gatoyi. Muzondondera; kandi nk’uko nabwiye Abayuda nti: ‘Iyo nja ntimushobora kuhaza+,’ na mwebwe ndabibabwiye ubu. 34 Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane. Nk’uko nabakunze+, abe ari ko namwe mukundana+. 35 Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu+.”
36 Simoni Petero amubwira ati: “Mukama, uriko uja hehe?” Yezu yishura ati: “Iyo ndiko ndaja ntushobora kunkurikira ubu, mugabo uzonkurikira mu nyuma+.” 37 Petero amubwira ati: “Mukama, kubera iki ntashobora kugukurikira ubu? Nzokwigura+.” 38 Yezu yishura ati: “Uzonyigura? Ni ukuri kwose ndabikubwiye: Isake ntigenda ibitse utaranyihakana gatatu+.”