Gusubira mu vyagezwe
6 “Ibi rero ni vyo bwirizwa, ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane Yehova Imana yanyu yategetse kubigisha+, kugira mubishitse, mu gihugu muriko murajabuka mujamwo hariya ngo mucigarurire; 2 kugira utinye+ Yehova Imana yawe ngo ugumye ivyagezwe vyiwe vyose n’amabwirizwa yiwe ndagutegetse, wewe n’umwana wawe n’umwuzukuru wawe+, imisi yose y’ubuzima bwawe, no kugira ngo imisi yawe ibe myinshi+. 3 Kandi utegerezwa kwumviriza, ewe Isirayeli, no kwitwararika kubikora+, kugira bikugendere neza+ no kugira mugwire cane, nk’uko Yehova Imana ya ba sogokuruza bawe yagusezeraniye+, ku bijanye na ca gihugu gitemba amata n’ubuki.
4 “Umviriza, ewe Isirayeli: Yehova Imana yacu ni Yehova umwe+. 5 Kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose+ n’ubuzima bwawe bwose+ n’inguvu zawe zose+. 6 Kandi aya majambo ndagutegetse uno musi aze abe ku mutima wawe+; 7 kandi uze uyashimangire mu mwana wawe+ wongere uyage ivyayo igihe wicaye mu nzu yawe, n’igihe ugenda ku nzira, n’igihe uryamye+, n’igihe uvyutse. 8 Kandi uze uyabohere ku kuboko kwawe bwa kimenyetso+, kandi aze abe nk’agatengaruhanga hagati y’amaso yawe+; 9 kandi uze uyandike ku bishimaryango vy’inzu yawe no ku marembo yawe+.
10 “Yehova Imana yawe niyakuzana mu gihugu yarahiye ba sogokuruza bawe Aburahamu, Izahaki na Yakobo ko azokiguha+, ibisagara bikomeye kandi bisa neza utubatse+, 11 n’amazu yuzuye ibintu vyiza vyose atari wewe wujuje, n’amatangi akorogoshowe utakorogoshoye, imirima y’imizabibu n’ibiti vy’imyelayo utateye, ukamara kurya ugahaga+, 12 uriyubara ntiwibagire+ Yehova, uwagukuye mu gihugu ca Misiri mu nzu y’abashumba. 13 Yehova Imana yawe ni we ukwiye gutinya+, kandi ni we ukwiye gukorera+, kandi izina ryiwe ni ryo ukwiye kurahira+. 14 Ntimukagendere inyuma y’izindi mana, imana izo ari zo zose z’ibisata vy’abantu bibakikuje+, 15 (kuko Yehova Imana yawe, uwuri hagati yawe, ari Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+,) ngo ishavu rya Yehova Imana yawe ntirihave rikururumbira+, akakuzimanganya ku buringanire bw’ubutaka+.
16 “Ntimukageze Yehova Imana yanyu+, kumwe mwamugeza i Masa+. 17 Uko bigenda kwose, mukwiye kugumya amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu+ n’ibishingantahe vyiwe+ n’ingingo nyobozi ziwe+ yagutegetse+. 18 Kandi utegerezwa gukora ibigororotse, vyiza mu maso ya Yehova, kugira bikugendere neza+ ubone koko kwinjira no kwigarurira ca gihugu ciza Yehova yarahira ba sogokuruza bawe+, 19 mu guhinda abansi bawe bose bakava imbere yawe, nk’uko Yehova yasezeranye+.
20 “Umusi umwana wawe yokubaza muri kazoza+, ati: ‘Ibishingantahe n’ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane Yehova Imana yacu yagutegetse bisobanura iki?’, 21 uze umubwire rero uti: ‘Twarabaye abashumba ba Farawo mu Misiri, mugabo Yehova adukuzayo ikiganza gikomeye+. 22 Nuko Yehova abandanya gushira kuri Misiri, kuri Farawo no ku rugo rwiwe rwose ibimenyetso n’ibitangaro+ bikomeye kandi vy’ivyago, mu maso yacu+. 23 Hanyuma adukurayo kugira atuzane hano kuduha igihugu yari yararahiye ba sogokuruza bacu+. 24 Ku bw’ivyo, Yehova yadutegetse gushitsa izi ngingo nyobozi zose+, gutinya Yehova Imana yacu ku neza yacu nantaryo+, kugira tugume turi bazima nk’uko biri uyu musi+. 25 Kandi nitwitwararika gushitsa iri bwirizwa ryose imbere ya Yehova Imana yacu nk’uko yadutegetse+, bizosobanura ubugororotsi kuri twebwe+.’