Ku muyobozi. “Ntuhonye.” Ni izaburi ya Dawidi. Mikitamu. Igihe Sauli yatuma abantu, bakagumiza ijisho ku nzu, kugira bamwice+.
59 Ndokora unkize abansi banje, ewe Mana yanje+;
Nunkingire abampagurukira+.
2 Ndokora unkize abakora ibintu bibabaza+,
Unkize n’abagīrwa n’amaraso.
3 Kuko, ehe babundiye ubuzima bwanje+;
Abakomeye barantera+,
Kandi ata mugararizo nagize, ata n’igicumuro nakoze, ewe Yehova+!
4 Naho ata kosa mfise, bariruka bakitegura+.
Nuvyuke iyo mpamagaye, urabe+.
5 Nawe, ewe Yehova Mana nyen’ingabo, ni wewe Mana ya Isirayeli+.
Ikangure, witeho ivy’amahanga yose+.
Ntugirire ubutoni n’umwe mu baguranyi bakora ikibi+. Sela.
6 Baguma bagaruka ku mugoroba+;
Baguma bakuga nk’imbwa+, bakazunguruka igisagara+.
7 Raba! Badudubiza amajambo n’akanwa kabo+;
Inkota ziri ku minwa yabo+,
Kuko, ni nde yumviriza+?
8 Mugabo wewe ubwawe, ewe Yehova, uzobatwenga+;
Uzotwengera amahanga yose mw’ijigo+.
9 Ewe Nkomezi zanje, nzogumiza ijisho iwawe+;
Kuko Imana ari yo hantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi+.
10 Ya Mana ingirira ubuntu bwuzuye urukundo, izonsanganira+;
Imana ubwayo izotuma nitegereza abansi banje+.
11 Ntubice, kugira ngo abantu banje ntibibagire+.
Ku nkomezi zawe, utume bayerera+,
Ubamanure, ewe nkinzo yacu Yehova+,
12 Ku bw’igicumuro c’akanwa kabo, ijambo ry’iminwa yabo+;
Nibafatirwe mu bwishime bwabo+,
Egome, kubera imivumo n’ubuhendanyi baguma basubiramwo.
13 Nubamare washangashiwe+;
Nubamare, ntibabeho;
Nibamenye yuko Imana iganza muri Yakobo gushika ku mpera z’isi+. Sela.
14 Nibagaruke ku mugoroba;
Nibakuge nk’imbwa, bazunguruke igisagara+.
15 Abo nyene nibayerere barondera ico barya+;
Ntibahage canke ngo bamare ijoro+.
16 Nayo jewe, nzoririmba inkomezi zawe+,
Kandi mu gitondo nzovugana umunezero ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+.
Kuko wambereye ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi+
Be n’ahantu ho guhungira ku musi w’amarushwa yanje+.
17 Ewe Nkomezi zanje, nzoguhibongoreza+,
Kuko Imana ari yo hantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi, Imana y’ubuntu bwuzuye urukundo kuri jewe+.