Yobu
23 Yobu arishura ati:
2 “N’uno musi ikindaje ishinga+ ni ubugarariji;
Ukuboko kwanje kuraremereye kubera ukuniha kwanje.
4 Noshikirije urubanza imbere yayo,
N’akanwa kanje nokujuje ivyiyumviro bibeshuza;
5 Nomenye amajambo inyishura,
Kandi norimbuye ivyo imbwira+.
7 Ng’aho, umugororotsi ubwiwe ntazobura kwikiranura na yo,
Nanje nokwigira amahoro ibihe bidahera nkava mu vyara vy’umucamanza wanje.
8 Raba! Nja mu buseruko, ngasanga si yo iri;
Nagaruka na ho, sindayimenye+;
9 Nja ibubamfu aho ikorera, sindayikubite ijisho;
Ikebereza iburyo, sindayibone.
12 Kw’ibwirizwa ry’iminwa yayo simvako+.
Nabitse muri ntibate amajambo y’akanwa kayo+, ndenza ivyo nashingiwe.
13 Iciyumviro ifise ni kimwe, none ni nde yohangana na yo+?
Umutima wayo urafise icipfuzo, kandi izogishitsa+.
16 Mbere Imana ubwayo yatumye umutima wanje usha coba+,
Kandi Mushoboravyose ubwiwe ampagaritse umutima+.
17 Kuko ntanumijwe kubera umwiza,
Canke kubera umuzimagiza umpfutse mu maso.