1 Yohani
5 Umuntu wese yemera yuko Yezu ari we Kristu, yavutse ku Mana+, kandi umuntu wese akunda uwatumye ivuka rishoboka arakunda uwavutse kuri uyo+. 2 Iki ni co tumenyerako yuko dukunda+ abana b’Imana+: ni igihe dukunda Imana kandi tugakurikiza amabwirizwa yayo+. 3 Kuko iki ari co ugukunda+ Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo+; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo+, 4 kuko ikintu cose cavutse+ ku Mana gitsinda isi+. Kandi iyi ni yo ntsinzi+ yatsinze+ isi: ni ukwizera kwacu+.
5 Ni nde atsinda+ isi+ atari uwizera+ yuko Yezu ari we Mwana w’Imana+? 6 Uyo ni we yaje biciye ku mazi n’amaraso, Yezu Kristu; si ku mazi+ gusa, mugabo ni ku mazi no ku maraso+. Kandi impwemu+ ni yo ishinga intahe, kuko impwemu ari yo kuri. 7 Kuko hari ibintu bitatu bishinga intahe: 8 impwemu+ n’amazi+ n’amaraso+, kandi ivyo bitatu birahuza+.
9 Nimba twakira intahe abantu bashinga+, intahe Imana ishinga irahambaye kuruta, kuko iyi ari yo ntahe Imana ishinga: ukuba yashinze intahe+ ku vyerekeye Umwana wayo. 10 Umuntu yizera Umwana w’Imana arashingirwa intahe+. Umuntu atizera Imana aba ayigize umubeshi+, kuko atizeye intahe yashinzwe+, iyo Imana bwa cabona+ yashinze ku vyerekeye Umwana wayo. 11 Kandi iyi ni yo ntahe yashinzwe: ni uko Imana yaduhaye ubuzima budahera+, kandi ubwo buzima buri mu Mwana wayo+. 12 Uwufise Umwana arafise ubwo buzima; uwudafise Umwana w’Imana ntafise ubwo buzima+.
13 Ndabandikiye ivyo bintu kugira ngo mumenye yuko mufise ubuzima budahera+, mwebwe abizeye izina ry’Umwana w’Imana+. 14 Kandi uku ni kwo guhera amazinda dufise kuri yo+: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva+. 15 Vyongeye, nimba tuzi yuko itwumva ku bijanye n’ico dusaba cose+, turazi ko turonka ibintu twasavye kuko ari yo twabisavye+.
16 Umuntu niyabona mwene wabo ariko aracumura igicumuro kitazana urupfu+, aze amusabire, na yo izomuha ubuzima+, egome, ku badacumura ku buryo bizana urupfu+. Hariho igicumuro kizana urupfu koko. Ku vyerekeye ico gicumuro ni ho ntamubwira gusaba+. 17 Ukutagororoka kwose ni igicumuro+; yamara hariho igicumuro kitazana urupfu.
18 Turazi yuko umuntu wese yavutse ku Mana+ ataza aracumura, mugabo Umwe+ yavuka ku Mana aramurinda, kandi wa mubisha ntamwifatira+. 19 Turazi ko dukomoka ku Mana+, mugabo isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha+. 20 Mugabo turazi yuko Umwana w’Imana yaje+, kandi yaraduhaye ubushobozi bwo gutegera+ kugira ngo tumenye imwe y’ukuri+. Kandi twunze ubumwe+ n’imwe y’ukuri, biciye ku Mwana wayo Yezu Kristu. Iyo ni yo Mana y’ukuri+ n’ubuzima budahera+. 21 Bana bato, mwirinde ibigirwamana+.