Imigani
8 Mbega ubukerebutsi ntibuguma busemerera+, n’ugutahura kukaguma gusohora ijwi ryakwo+? 2 Kw’isonga ry’ahantu hakirurutse+, iruhande y’inzira, kw’ihwane ry’amabarabara, ni ho buhagaze. 3 Iruhande y’amarembo, ku munwa w’igisagara+, mu bwinjiriro bw’imiryango, buguma busemerera n’ijwi rirenga+, buti:
4 “Ni mwebwe mpamagara, mwa bantu mwe, kandi ijwi ryanje rija ku bana b’abantu+. 5 Yemwe bantu batazi utuntu n’utundi, nimutahure ukwiyubara+; namwe bijuju, nimutahure umutima+. 6 Nimwumvirize, kuko mvuga ibintu bihambaye kuruta ibindi vyose+, ngateranura iminwa yanje ngo mvuge ukugororoka+. 7 Kuko amagage yanje avuga ukuri n’ijwi ritoyi+; kandi ububisha ni ikintu giteye ishishi ku minwa yanje+. 8 Amajambo yose y’akanwa kanje ni ay’ubugororotsi+. Muri yo nta kintu na kimwe kihari kigoramanze canke gihetaraye+. 9 Yose ararashe ku wutegera, kandi aragororotse ku baronka ubumenyi+. 10 Nimutore indero yanje ntimutore ifeza, mutore ubumenyi aho gutora inzahabu z’indobanurwa+. 11 Kuko ubukerebutsi ari bwiza kuruta amabuye y’agaciro yitwa korali+, kandi ibindi bihimbaro vyose ntivyonganishwa na bwo+.
12 “Jewe bukerebutsi, nabanye n’ukwiyubara+, kandi ndaronka ubumenyi bw’ubushobozi bwo kwiyumvira+. 13 Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi+. Ukwishira hejuru n’ubwishime+ n’inzira mbi be n’akanwa kagoramye+, naravyanse. 14 Ndafise impanuro+ n’ubukerebutsi ngirakamaro+. Jewe ndafise ugutegera+; ndafise ubushobozi+. 15 Biciye kuri jewe, abami ubwabo baguma baganza, n’abategetsi bakurubakuru ubwabo bakaguma bashinga ingingo z’ubugororotsi+. 16 Biciye kuri jewe, abaganwa ubwabo baguma batwara nk’abaganwa+, n’abanyacubahiro bose bagaca imanza mu bugororotsi+. 17 Abankunda nanje ndabakunda+, kandi abandondera ni bo bandonka+. 18 Ubutunzi n’ubuninahazwa biri kumwe nanje+, ibintu vy’agaciro vy’iragi be n’ubugororotsi+. 19 Ivyamwa vyanje ni vyiza kuruta inzahabu, mbere kuruta inzahabu ityoroye, umwimbu wanje na wo ukaba mwiza kuruta ifeza y’indobanurwa+. 20 Mu munyuro w’ubugororotsi ni ho ngendera+, hagati mu mabarabara y’ubutungane+, 21 kugira abankunda ndabahe kwigabira amatungo+; kandi nguma nujuje ibigega vyabo+.
22 “Yehova ubwiwe ni we yampinguye nka yo ntango y’inzira yiwe+, mba ica mbere na mbere mu bikorwa vyiwe vya kera+. 23 Nashizweho kuva igihe kitagira urugero*+, kuva mu ntango, kuva mu bihe vy’imbere y’uko isi ibaho+. 24 Igihe ata nyenga z’amazi zariho ni ho navyarwa nko mu bubabare bw’ibise+, igihe ata mbizi zibogaboga amazi zariho. 25 Imbere y’uko imisozi ubwayo ishirwaho+, imbere y’uko imirambi ibaho, navyawe nko mu bubabare bw’ibise, 26 igihe atari bwakore isi+ n’uturere n’igice ca mbere c’ibirundo vy’umukungugu vy’ubutaka bwimbuka+. 27 Igihe yategura amajuru ni ho nari+; igihe yashinga ko haba umuzingi ku buringanire bw’inyenga y’amazi+, 28 igihe yashikamisha ibigwi vy’ibicu hejuru+, igihe yakomeza amasôko y’inyenga y’amazi+, 29 igihe yashingira ikiyaga ingingo yiwe, kugira amazi ntarenge itegeko ryiwe+, igihe yashinga ko haba imishinge y’isi+, 30 nabaye iruhande yiwe ndi umukozi w’umuhanga+, mba uwo yakunda bidasanzwe+ ku musi ku musi, mpimbarwa igihe cose imbere yiwe+, 31 mpimbariwe ubutaka bwimbuka bw’isi yiwe+, kandi ibintu nakunda cane vyari ivyerekeye abana b’abantu+.
32 “None rero, bana, nimunyumvirize; egome, hahiriwe abagumya inzira zanje+. 33 Nimwumvirize indero, mube inkerebutsi+, kandi ntimwanjanjwe na gatoyi+. 34 Hahiriwe umuntu anyumviriza akaguma arikanuye ku miryângo yanje ku musi ku musi, akaguma areretse iruhande y’ibikingi vy’aminjiriro yanje+. 35 Kuko uwundonka atazobura kuronka ubuzima+, kandi araronka ubutoni bwa Yehova+. 36 Mugabo uwumbuze aba yigiriye nabi+; abanyanka urunuka bose ni abakunda urupfu koko+.”