Zaburi
Ku muyobozi. Ni zaburi y’umusavyi wa Yehova, Dawidi.
36 Ico ukugabitanya kubwira umubisha, kiri hagati mu mutima wiwe+;
Nta kugirira ubwoba Imana kuri imbere y’amaso yiwe+.
2 Kuko mu maso yiwe bwite yiyorohereje birenze urugero+
Bigatuma atabona ikosa ryiwe ngo aheze aryanke+.
3 Amajambo y’akanwa kiwe ni ibibabaza n’ubuhendanyi+;
Yaretse kugira ugutahura kwimbitse kwo gukora ineza+.
4 Aguma ategura umugambi w’ibibabaza ku gitanda ciwe+.
Ahagarara mu nzira itari nziza+.
Ikibi ntata nk’akanuka+.
6 Ubugororotsi bwawe ni nk’imisozi y’Imana+;
Ingingo yawe y’ubutungane ni inyenga y’amazi nini amahanga+.
Umuntu n’igikoko urakiza, ewe Yehova+!
7 Ese ukuntu ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari ubw’agaciro ntangere, ewe Mana+!
Kandi mu gitutu c’amababa yawe ni ho abana b’abantu bahungira+.