Abacamanza
19 Kandi muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Ico gihe hari Umulewi umwe yari amaze igihe aba mu mihingo ya kure kuruta iyindi y’akarere k’imisozi ka Efurayimu+. Arahava yabira incoreke+ y’i Betelehemu+ muri Yuda. 2 Mugabo nya ncoreke yiwe itangura gusambana+, iramuhemukira. Amaherezo iva iwe ija i muhira kwa se i Betelehemu muri Yuda, igumayo amezi ane yuzuye. 3 Maze umugabo wiwe arahaguruka aramukurikira, kugira amuyagishe n’ijwi ryirura, ngo amugarukane; kandi yari kumwe n’umusuku+ wiwe n’indogobwa z’ingabo zibiri. Nuko nya mugore amwinjiza mu nzu ya se. Se w’uwo mugore akiri muto ngo amubone, aca aranezerwa no kumusanganira. 4 Nuko sebukwe, se wa nya mugore akiri muto, aramugumya, ku buryo abandanya kubana na we imisi itatu; bararya bakanywa, kandi yarara ng’aho+.
5 Nuko ku musi ugira kane, bavyutse kare mu gitondo nk’uko bisanzwe, arahaguruka rero ngo agende, mugabo se wa nya mugore akiri muto abwira umukwe wiwe ati: “Fatisha umutima wawe igipande c’umukate+ hanyuma mubone kugenda.” 6 Baricara rero, maze bompi batangura kurya no kunywa bari kumwe; se wa nya mugore akiri muto abwira nya mugabo ati: “Ndakwinginze wemere kurara+, kandi umutima wawe uryoherwe+.” 7 Nya mugabo ahagurutse ngo agende, sebukwe aguma amwinginga, ku buryo yongera kuharara+.
8 Ku musi ugira gatanu, avyutse kare mu gitondo ngo agende, se wa nya mugore aca avuga ati: “Ndakwinginze ugire ico ufashe ku bw’umutima wawe+.” Barateba, gushika bugorovye. Kandi bompi bǎguma barya. 9 Nya mugabo+ arahaguruka rero ngo agende, we n’incoreke yiwe+ n’umusuku wiwe+; mugabo sebukwe, se wa nya mugore akiri muto, amubwira ati: “Ehe raba umusi uritereye bugira bwire. Ndabingize murare+. Ehe umusi uragiye. Rara ng’aha, kandi umutima wawe uryoherwe+. Ejo muze muvyuke kare kugira mufate urugendo, uheze uje kw’ihema ryawe.” 10 Ariko nya mugabo ntiyemera kurara, mugabo arahaguruka afata urugendo hanyuma ashika aharabana na Yebusi+, ari yo Yeruzalemu+; kandi yari kumwe na za ndogobwa z’ingabo zibiri ziriko amatandiko, n’incoreke yiwe be n’umusuku wiwe.
11 Bari hafi ya Yebusi, kubera ko umurango wari witereye rwose+, nya musuku rero abwira shebuja ati: “Enda rero nuze dukebereze muri iki gisagara c’Abayebusi+, turareyo.” 12 Mugabo shebuja amubwira ati: “Ntidukebereze mu gisagara c’abanyamahanga+ batari abo muri bene Isirayeli; tubwirizwa kubandanya gushika i Gibeya+.” 13 Abandanya kubwira umusuku wiwe ati: “Ingo twegere kimwe muri biriya bibanza, turare i Gibeya canke i Rama+.” 14 Nuko barashishikara, babandanya urugendo, maze izuba ritangura kubarengerako bashitse hafi y’i Gibeya, ahegukira Benyamini.
15 Bakeberezayo rero kugira baje kurara i Gibeya. Nuko barinjira, bicara mu kibanza ca bose c’ico gisagara, mugabo ntihaboneka uwubajana mu nzu kugira barareyo+. 16 Amaherezo, ehe umutama yari atashe ku mugoroba+ avuye gukora mu murima, uwo mugabo akaba yaturuka mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, kandi yari amaze igihe aba i Gibeya; mugabo abantu b’aho hantu bari Ababenyamini+. 17 Araramuye amaso abona wa mugabo, ya ngenzi, mu kibanza ca bose c’igisagara. Uwo mutama avuga rero ati: “Uva he ukaja he+?” 18 Na we amubwira ati: “Tuvuye i Betelehemu muri Yuda, tukaba turiko tuja mu mihingo ya kure kuruta iyindi y’akarere k’imisozi ka Efurayimu+. Aho ni ho mva, mugabo nari nagiye i Betelehemu muri Yuda+. Ndiko nja ku nzu yanje, mugabo ntihabonetse uwunyakira mu nzu+. 19 Ndafise ibikumbi n’indya z’ibitungwa+ ku bw’indogobwa zacu, nkagira n’umukate+ be n’umuvinyu, ivyo twe n’umushumbakazi+ wawe n’umusuku+ ari kumwe n’umusavyi wawe twikorako. Nta na kimwe kibuze.” 20 Ariko nya mutama avuga ati: “Nugire amahoro+! Ico ubura cose nikije kuri jewe+; ariko nturare muri iki kibanza ca bose.” 21 Nuko amwinjiza mu nzu iwe+, aha za ndogobwa+ ivyo zirya. Maze boga ibirenge+, batangura kurya no kunywa.
22 Mu gihe bariko bararyoherwa+, abagabo bo muri ico gisagara, abagabo b’imburakimazi gusa+, bakikuza nya nzu+, basunikana ku muryango; baguma babwira nya mutama, nyene inzu, bati: “Sohora uwo mugabo yinjiye mu nzu yawe turyamane na we+.” 23 Nyene inzu aca arasohoka aja aho bari, ababwira+ ati: “Oya, bene wacu+, ndabinginze ntihagire ikintu kibi mukora, kuko uyu mugabo yinjiye mu nzu yanje. Ntimukore ubwo busazi bw’agaterasoni+. 24 Ng’uyu umukobwa wanje w’isugi n’incoreke y’uwo mugabo. Ndabingize mureke ndabasohore, maze mubashurashuze ku nguvu+, mubakorere ico mubona ko ari ciza. Ariko uyu mugabo ntimumugirire ico kintu c’agaterasoni kandi c’ubusazi.”
25 Yamara nya bagabo ntibashaka kumwumviriza. Ku bw’ivyo, nya mugabo afata incoreke yiwe+, ayisohora aho bari hanze; na bo batangura kuyisambanya+, bamara ijoro ryose bayonona+ gushika mu gitondo, hanyuma bayirungika umutwenzi utambitse. 26 Maze nya mugore ashika buriko buraca, agwa ku bwinjiriro bw’inzu ya nya mugabo aho shebuja wiwe yari+, agumaho gushika bukeye. 27 Mu nyuma, shebuja aravyuka mu gitondo maze yugurura imiryango y’inzu, arasohoka kugira abandanye urugendo, maze asanga wa mugore, ya ncoreke yiwe+, yari arambaraye ku muryango w’inzu, amaboko ari ku rwinjiriro. 28 Amubwira ati: “Haguruka tugende.” Mugabo ntihagira uwishura+. Nya mugabo aca amuterurira ku ndogobwa, arahaguruka aja iwe+.
29 Nuko yinjira mu nzu yiwe, atora ikibugita hanyuma afata nya ncoreke yiwe, ayihimbaguramwo ibipande cumi na bibiri+ afatiye ku magufa yayo, araheza ayirungika mu turere twose twa Isirayeli+. 30 Uwabibona wese yavuga ati: “Ibintu nk’ibi ntivyari bwigere biba canke biboneka kuva umusi bene Isirayeli baduga bavuye mu gihugu ca Misiri gushika uyu musi. Nimubishireko umutima, muje inama+, mugire ico muvuze.”