10 Imubwira iti: «Izina ryawe ni Yakobo+. Ntuzosubira kwitwa Yakobo, ahubwo uzokwitwa Isirayeli.» Ica itangura kuza iramwita Isirayeli+. 11 Imana yongerako iti: «Ndi Imana Mushoboravyose+. Nurondoke, ugwire. Amahanga azogukomokako, emwe amahanga menshi+, kandi abami bazova muri wewe+.