ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 12:1-3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Yehova abwira Aburamu ati: «Va mu gihugu cawe, mu ncuti zawe no mu muryango wawe, uje mu gihugu nzokwereka+. 2 Nzokugira ihanga rikomeye kandi nzoguhezagira. Izina ryawe nzorigira rurangiranwa kandi uzobera abandi umuhezagiro+. 3 Nzohezagira abaguhezagira, mvume abakuvuma+, kandi imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa* vy’ukuri biciye kuri wewe+.»

  • Ivyakozwe 3:25
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 Mwebwe muri abana b’abahanuzi n’ab’isezerano Imana yagiranye na ba sogokuruza banyu+, igihe yabwira Aburahamu iti: “Kandi imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa biciye ku ruvyaro* rwawe+.”

  • Abagalatiya 3:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Kubera ko Ivyanditswe vyari vyarerekanye imbere y’igihe yuko abantu bo mu mahanga Imana yobise abagororotsi biciye ku kwizera, vyaramenyesheje Aburahamu inkuru nziza imbere y’igihe, bivuga biti: «Amahanga yose azohezagirwa biciye kuri wewe+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika