ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 24:34
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 34 Na we avuga ati: «Ndi umusuku wa Aburahamu+.

  • Itanguriro 24:37
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 37 Databuja rero yarandahije ati: “Umuhungu wanje ntuze umuronderere umugore muri aba bakobwa b’Abanyakanani, bene iki gihugu mbayemwo+.

  • Kuvayo 34:15, 16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Mwiyubare ntimuze mugiranire isezerano n’ababa muri ico gihugu, kuko bazohava basambana n’imana zabo kandi bakazishikanira ibimazi+ hanyuma bakabatumira mukarya ku bimazi vyabo+. 16 Ntimuzobura rero gusabira abahungu banyu abakobwa babo+, kandi abo bakobwa bazosambana n’imana zabo, bitume abahungu banyu basambana n’imana zabo+.

  • 1 Abami 11:1-3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Mugabo umwami Salomo akunda abagore benshi b’abanyamahangakazi+ hampande y’umukobwa wa Farawo+: uri Abanyamowabukazi+, Abamonikazi+, Abanyedomukazi, Abanyasidonikazi+ n’Abahetikazi+. 2 Ng’ibi ivyo Yehova yari yarabwiye Abisirayeli ku bijanye n’abava muri ayo mahanga: «Ntimuze mugirane imigenderanire* kuko batazobura guhindura imitima yanyu, mugakurikira imana zabo+.» Mugabo Salomo yarabakunze, arabumirako*. 3 Yari afise abagore 700 b’abamikazi* n’incoreke 300. Abo bagore biwe bagiye barahindura umutima wiwe buhorobuhoro*.

  • 2 Abakorinto 6:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Ntimwunge ubumwe n’abatemera*+. Nakare, ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki+? Canke umuco usangiye iki n’umwiza+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika