Itanguriro 12:7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 7 Maze Yehova abonekera Aburamu, amubwira ati: «Iki gihugu+ nzogiha uruvyaro* rwawe+.» Aburamu aca yubakira igicaniro Yehova aho hantu yari yamubonekeye. Itanguriro 15:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Imana ica imubwira iti: «Umenye neza ko abagukomokako* bazoba abanyamahanga mu gihugu atari rwabo, kandi abantu bo muri ico gihugu bazobagira abaja bongere babatoteze imyaka 400+. Itanguriro 17:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 17 Aburamu amaze imyaka 99, Yehova aramubonekera amubwira ati: «Ndi Imana Mushoboravyose. Gendera imbere yanje kandi werekane ko uri intungane*. Itanguriro 17:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Mwe n’uruvyaro* rwawe nzobaha igihugu wabayemwo uri umunyamahanga+, igihugu cose ca Kanani, kibe rwanyu ibihe vyose kandi nzoba Imana yabo+.» Abaheburayo 11:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Kubera ukwizera, yabayeho ari umunyamahanga mu gihugu yasezeraniwe+, abana mu mahema+ na Izahaki na Yakobo, abarazwe umuhango na we nyene yahawe+.
7 Maze Yehova abonekera Aburamu, amubwira ati: «Iki gihugu+ nzogiha uruvyaro* rwawe+.» Aburamu aca yubakira igicaniro Yehova aho hantu yari yamubonekeye.
13 Imana ica imubwira iti: «Umenye neza ko abagukomokako* bazoba abanyamahanga mu gihugu atari rwabo, kandi abantu bo muri ico gihugu bazobagira abaja bongere babatoteze imyaka 400+.
17 Aburamu amaze imyaka 99, Yehova aramubonekera amubwira ati: «Ndi Imana Mushoboravyose. Gendera imbere yanje kandi werekane ko uri intungane*.
8 Mwe n’uruvyaro* rwawe nzobaha igihugu wabayemwo uri umunyamahanga+, igihugu cose ca Kanani, kibe rwanyu ibihe vyose kandi nzoba Imana yabo+.»
9 Kubera ukwizera, yabayeho ari umunyamahanga mu gihugu yasezeraniwe+, abana mu mahema+ na Izahaki na Yakobo, abarazwe umuhango na we nyene yahawe+.