ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 17:14, 15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Nimwinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, mukacigarurira kandi mukakibamwo, hanyuma mukibwira muti: “Reka twishirireho umwami nk’ayandi mahanga yose adukikuje+”, 15 mutegerezwa kwimika umwami Yehova Imana yanyu azoba yabatoreye+. Muzokwimika umwami wo muri benewanyu. Ntimwemerewe kwimika umunyamahanga atari mwenewanyu.

  • 1 Samweli 10:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Mugabo uyu musi mwanse Imana yanyu+ yabakijije amabi yose mwaciyemwo n’amarushwa yanyu yose, muvuga muti: ‘Nugene umwami azotuganza.’ Nimuhagarare rero imbere ya Yehova mukurikije imiryango yanyu n’imigwi y’abantu 1.000.”»

  • 1 Ngoma 1:43-50
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 43 Aba ni bo bami batwaye igihugu ca Edomu+ imbere y’uko Abisirayeli baronka umwami+: Bela umuhungu wa Beyori. Igisagara ciwe citwa Dinihaba. 44 Bela amaze gupfa, Yobabu umuhungu wa Zera w’i Bozira+ yaciye atwara mu kibanza ciwe. 45 Yobabu amaze gupfa, Hushamu wo mu gihugu c’Abatemani yaciye atwara mu kibanza ciwe. 46 Hushamu amaze gupfa, Hadadi umuhungu wa Bedadi, uwatsindiye Abamidiyani mu karere ka Mowabu, yaciye atwara mu kibanza ciwe. Igisagara ciwe citwa Aviti. 47 Hadadi amaze gupfa, Samula w’i Masireka yaciye atwara mu kibanza ciwe. 48 Samula amaze gupfa, Shawuli w’i Rehoboti iruhande y’uruzi yaciye atwara mu kibanza ciwe. 49 Shawuli amaze gupfa, Bayali-Hanani umuhungu wa Akibori yaciye atwara mu kibanza ciwe. 50 Bayali-Hanani amaze gupfa, Hadadi yaciye atwara mu kibanza ciwe. Igisagara ciwe citwa Pawu, umugore wiwe na we akitwa Mehetabeli. Mehetabeli yari umukobwa wa Matiredi, Matiredi na we akaba umukobwa wa Mezahabu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika